Accueil > Amakuru > Ubutungane > Stephen Rapp agabisha abategetsi b’Uburundi ko bashobora gukurikiranwa
Stephen Rapp agabisha abategetsi b’Uburundi ko bashobora gukurikiranwa
jeudi 9 Mukakaro 2015
Ambassadeur wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe gukwirikirana ivyaha vyo mu ntambara, n’ivyaha bihohotera agateka ka zina muntu, Stephen Rapp, avuga ko abari inyuma y’ubwicanyi mu Burundi bashobora gukwirikiranwa na sentare mpuzamakungu.
Mu kiganiro yahaye Iradiyo Ijwi rya Amerika, Stephen Rapp, avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitewe impungenge cane n’amabi akorwa n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
Ambassadeur Stephen Rap,p avuga ko bariko barungika ubutumwa bukomeye cane bushoboka, kuri abo bose bakora amabi, cane cane abahamagarira abandi gukora ayo mabi, baha ibirwanisho bakongera bakarungika abarwanyi bakora ayo mabi ko bazobibazwa.
Avuga ko Uburundi buri mu bihugu vyateye igikumu ku masezerano yashinze sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ivyo bikaba bishobora gutuma abantu ku giti cabo, mbere n’abategetsi bashobora kubazwa ayo mabi n’ivyo vyaha. Amenyesha ko ivyo bizoba niyo urugero rw’ubwicanyi n’uguhamagarira abandi kwica vyabandanya mu Burundi.
Abanyepolitike birinde gukoresha ikarata y’ubwoko
Ambasaadeur Rapp, avuga ko ubwicanyi n’ayandi mabi akorwa bitegerezwa guhagarara, kandi ko abantu bariko berekana uburenganzira bwabo biciye mu mahoro batosubira kuraswa.
Ambassadeur Rapp, yasavye abanyapolitike kwirinda gukoresha ikarata y’ubwoko kuko bishobora kugira ingaruka mbi.Akamenyesha ko kimwe mu bintu bibateye impungenge ari uko abantu bagarukana ibibazo vy’ubwoko, mu kuvuga ko kimwe mu bintu vyari vyashitsweko i Arusha, kwari uguhagarika amacakubiri afatiye ku bwoko.
Van Naris Mugisha
Messages
9 Mukakaro 2015, 08:49, par freedom
nimuze mwibuts abarundi ko rivyo baharaniye iyarusha kugiramahoro aboneke atari ayomadayabo adahaga nubwenge bakoresha bwashetani buri mumitwe yabo bamenyeko ariho bazoja kubisigurira ukuntu bicisha abarundi
9 Mukakaro 2015, 09:09, par aime mugisha
ahubwo ni mumubohe ningonga abantu batarahona.abafashwe bari mumyiyerekano bamerewe nabi nkaho womenga bagirizwa ubwicanyi.turarushe kubera 3e mandat
9 Mukakaro 2015, 09:47, par John
Jew Peter Aratwenza Mbe Izombonerakure Arungika Kumara Abantu Ntiyozirungika Kugarura Kigoma Nibindibice Twibwe Sivyo Vyo Muha Icubahiro?Noneho Vyaramunaniye Imyaka Cumi Bakirindiriye Kwiba Igihugu?Nahindure Unyuma Yizuka Ryiwe Hazoba Amahoro.
9 Mukakaro 2015, 09:48, par John
Jew Peter Aratwenza Mbe Izombonerakure Arungika Kumara Abantu Ntiyozirungika Kugarura Kigoma Nibindibice Twibwe Sivyo Vyo Muha Icubahiro?Noneho Vyaramunaniye Imyaka Cumi Bakirindiriye Kwiba Igihugu?Nahindure Unyuma Yizuka Ryiwe Hazoba Amahoro.
9 Mukakaro 2015, 09:48, par John
Jew Peter Aratwenza Mbe Izombonerakure Arungika Kumara Abantu Ntiyozirungika Kugarura Kigoma Nibindibice Twibwe Sivyo Vyo Muha Icubahiro?Noneho Vyaramunaniye Imyaka Cumi Bakirindiriye Kwiba Igihugu?Nahindure Unyuma Yizuka Ryiwe Hazoba Amahoro.
9 Mukakaro 2015, 10:11, par Scott
Ahubwo jewe uko ndabibona bazobohe uwitwa umu dd wese kuko bose nabicanyi gusa, iyo banyarutsa bakababoha vuba na bwango kuko turashira nkabinkoko. Bareke ubu baranezerewe ejo nabo baraja mubigandaro nkivyo badushiramwo nubu tukiriko.
9 Mukakaro 2015, 11:10, par Ntawe
Dutabare Mutama Abantu Baraswa Bafukamye Basaba Ikigonge Abicanyi Kandi Atan, Icaha Babagiriye.
9 Mukakaro 2015, 11:47, par NYANDWI
Bi rateye isoni kubona umukuru wigihugu aturongoye imyaka 10 yose , aduhemba kutwica no kutwangaza; IMANA nitabare uburundi ibukureko Herodi , Turarushe
9 Mukakaro 2015, 11:56, par toussaint
ivyo bavuga numva arukwambika ibara CNDD-FDDnikwambika ibara uwo mugambwe nibareke kubsha
9 Mukakaro 2015, 12:08, par Uwubizi
Mwa banyamerika mwe, turarambiwe ayo majambo yanyu atagira ibikorwa. Mumeze nka ba ba Généraux Habarugira na Ngendakumana na Nyambariza. Ni ibijambo gusa. Dukeneye ko mushira mu ngiro ivyo muvuga. Amajambo make rero. Nimukore vuba turabashigikiye
9 Mukakaro 2015, 12:34, par Rukundo
ivyi vyegeranyo biri guhabw etats unis n Imva atari vyo nsavye uwoba ari gutanga amakuru avuga ko imbonerakure arizo ziriko ziterabumutekakano muke ko yobireka kuk yohava ahura n’inkini y’ilmana.kandi iki gihugu bigaragara ko kiriko gikorerera ku nkuru zitarizo mbe nt buserukizi gifise canke .nugwitwazo? ko ataco numvise avuga ku bantu baturiwe? ku bana basihowe mu mashure? ku magrenade zri guterwa? le peuple burundi observe avec interet ces communiques.heureusement ko ibiba vyose bifatw amasanamu kandi amakungu si usa gusa.sentare mpuzamakunguvnayo nize ariko kandi ntiyohamagarwa nigihugu kitari membre.
9 Mukakaro 2015, 12:39, par Shalom
Jwe ndavy ibikorerw mugihugu c uburndi,nagira uwo Stephen ntavy abona cnk ngo yumve!!?none ko mubivuga ntimubishits akamaro ni akah?ze mushira mungiro ubundiho abarundi turahona twes.
9 Mukakaro 2015, 12:57, par Gérard
Umurwiwa peter warengej,ahubwonimuher kumukuruwabo.kugabishntibikwiy kukovyaramazkubarero nimugikorevyihuta
9 Mukakaro 2015, 13:31, par Justice KURIBOSE
Mbega muracari mumajambo?fata herode n’abatumwa biw,mushir mwibohero rya ’gwantanamo"ahubwo mwar mwatevy,ntanivyagiriji bikenew kuk babikora izuba ryaka.
9 Mukakaro 2015, 13:57, par Marot
turabasavye mumufatiribihano ningoga be n’abagerauxyagize ibimana.nibobisheigihugu.amerika niwerekaneubushoboziufise turakurindiriye!
9 Mukakaro 2015, 14:10, par Marie dodo
nibatugirire ningoga kuko turarushe pe, kandi ndasavye Imana ngo ishaka ryayo riranguke, ntibibe nkuko dushaka kugihugu cacu, ariko bibe nkuko ibishaka ni ho twokira twese, kuko iradukunda cana, raba namwe ingene bama baturasa, ariko siko dupfa, Kubera iki? kuko imana niyo iguma ituzigama base
9 Mukakaro 2015, 14:40, par Nzobandora
None ibihano muzotanga inganda zamaze gutikira bizoba bimaze iki? Ibihano bifise ikimazi ni ivyogukinga ibara ritaragwa. Abantu bamaze kwicwa, murashaka mureka kubahana. None ko mufise ivyemezo vyose bikwiye, igituma mutabahana ubu niki ngo mukingire abasiaye?
9 Mukakaro 2015, 16:19, par Minani evariste
Mbega uwo mu ambasadeur arakomeye? Abatangaje kwaribo birirwa bic’abantu ni imbonerakure? Léonard ,niyombare,busokoza,radjabu..... Sha ahubwo yanyoye vyinyo.
9 Mukakaro 2015, 16:19, par pacifique
amerika ntarukundo bafitiye abarundi ndetse na africa . raba ukuntu imyiyerekano yarihagaze naho baie kusongera isibe?? abazungu ni dange
9 Mukakaro 2015, 16:29, par Niyongabo Kayero Juvénal
Ivyo Nivyo Kandi Turateye Intege Cane Uwo Wes Yogira Icafashije Kugira nano amahoro aboneke muburundi. igihugu kigeze ah’umwansi ashaka aho ivya manifestation pacifique bidakunda kubera igi police kirasa!umuntu akibaza nimba vyohera uko?kandi umuntu ariko yerekana ikimubakiye. amakungu aratubera icabona.
9 Mukakaro 2015, 18:01, par Betty
Nibabikwirikirane kuko turaheze nkabana binyoni.
9 Mukakaro 2015, 18:57, par cumugabo
laissez le temps au parti cndd-fdd à la gestion de son échec causée par NKURUNZIZA, le temps de pratiquer la justice viendra pour faire la grandeur de notre nation. le pauvre et l’oppresseur ont un point commun: le Seigneur leur a donné à tous deux des yeux pour voir
9 Mukakaro 2015, 19:13, par None?
Ndumiwe yahitanye ndajorewe!!!!!!!!! Abakunzi Amerika ifisengaha Burundi nibarya baturiye abantu? Nibarya baturiye amamodoka? Nibarya bamarushije abantu ama grenade, nibaryabashatse gutera kudeta? Nibarya bagumura abenegihugu kugezabahunze!?. Uwavuzeko hazogerigihe tukamenya imvonimvano yizintumva abaziha kutavakwizima ntiyabeshe kukondabona vyibonekeje. Nukuvugarero bagombakutugira nkuko bagize u Rwanda bagashigikira abantubamwe bakikoza ibidakwiye gukorwa bigakwega abanyarwanda kugiruranira amashavumeshi bikabaviramwo kwicana mumwanyawambere higanjemwo kwicwakubwishi abanyarwanda bomubwoko bwabatusi ( Genucide Tutsi) nyuma hazakwicwa kubwiahi abanyarwanda bomubwoko bwabahutu kubishi ( Genucide Hutu ) ivyovyose vyakwezwe nivyobihugu vyarivyiyemeye gushigikira ivyiyumviro vyakarwi kabantubake maze ivyiyumvirovyabeshi ntibavyumve, nunomusi uwobirabaneza nikobimeze reta Yu Burundi ikunze nabantubeshi niyo iriko iratotezwa na Amerika ikibayecose Amerika yoca igitytu reta babantubake babona ibibibakoze ntawubareba bakacabivayo mugukora ibibi, ninacogituma murikomurabona kakarwi kabantubake kubera kamazekubona gashigikiwe harageze naho katanguye kwitezinduru ONU ikumvako ibararyaguye ariko yarungika intumwazayo zigazanga ukwobavyibaza sikwobiri . ONU rero akokarwi karimwo karayitesha umwanya cane.
9 Mukakaro 2015, 19:26, par sentare
ibi biraraba impande zombi kuko hari bamwe batangiye kwemanga kumugaragaro babinyujije kuma TV ko bafise uruhare mumabi akorerwa abarundi. ahubwo batevye nibarungike abakora ama perereza bekugendera kumaraport apfuye.
9 Mukakaro 2015, 19:47, par sarkozy
IRYO JAMBO UWO MUTEGETSI WA RETA ZUNZE UBUMWE NI RYIZA MUGIHE RYOZA MUNGIRO.NTARINDIRE NGO BISHIKE KURUNDI RUGERO,KUKO UWUPFUYE NTAGARUKA.IYO SENTARE NIKORE VYIHUSE KUKO NKURUNZIZA N’IMISORE YIWE Y’IMBONERAKURE ,BABONA KO IGIHUGU ARI ICABO BONYENE.AGATEKA KAZINA MUNTU NTIKUBAHIRIJWE ,ARIKO BIRIGWA BARAVUGA NGO BONNE GOUVERNANCE,AMATUNGO Y’IGIHUGU BAYAMARIYE MUMIFUKO YABO,IBITURIRE ,KAMWANA WA MAMA NDETSE NOGUTOTEZA NIVYO BIRANGA INTWARO YA NKURUNZIZA.KU NTWARO YIWE NTAGITANGAJE KIRIMWO,KUKO NTA MUNTU YASAHUYE IMPFUVYI N’ABAPFAKAZI YOTWARA IGIHUGU NEZA.ASIGAJE GUTA IMPUZU AKAGENDA UKO YAVUTSE.
9 Mukakaro 2015, 20:07, par Fabrice
Mbeg esentibohera kuri nkuruzz numukur wiguhugu akaba ariwe ibibiriko biraba ariwe abitera arambabaje ariwe yokigiye abarundi igiti kiruma kikabisa ikindi ubutegetse bwamuduhiye arikowe ntamvyabona
9 Mukakaro 2015, 20:27, par emma
emma
ambassadel kukuruka harageze nubwenge bwakujanye,mbega izo mbonerakure uvuga kwarizo zahawe ibigwanisho warabibonye kotuzi namwe banyamerika mwamaha iwacu mwabonye imbonerakure zingahe zitunze inkoho?kokeza neza pita ntimuzomugira nka kadafi kirazira
9 Mukakaro 2015, 23:55, par Dusenge
Nugusenga Vyose Nuhoraho!Kdi Arihafi Yokubiroranya!
10 Mukakaro 2015, 05:33, par s.J
Icodufasha nuko Imana yohumura amaso yabakora ibizira ko batazoreka guhagarara imbere yurubanza rw Imana
10 Mukakaro 2015, 22:09, par KARAHARI
Ni ukuri ivyo nivyo kuko muburundi abantu bariko bapfa bahorwa ubusa.nkurunziza ariko aragerageza kwerekana ko akomeye bimwe nomugufatanabi abanyeporitike.mugabo amenyeko ariko arikwegera!!!
10 Mukakaro 2015, 22:09, par KARAHARI
Ni ukuri ivyo nivyo kuko muburundi abantu bariko bapfa bahorwa ubusa.nkurunziza ariko aragerageza kwerekana ko akomeye bimwe nomugufatanabi abanyeporitike.mugabo amenyeko ariko arikwegera!!!
11 Mukakaro 2015, 15:00, par DAVID
AHUBWO NIMUNYARUTSE AMAZI ATARARENGA INKOMBE HARI ABANTU BAMAZE KWIGIRA UTUMANA MU BURUNDI .JE NIBAZA KO ATACOZA KIGONDOZA UBUTEGETSI BW’UBURUNDI KUMABI BUKORA.
11 Mukakaro 2015, 19:10, par Bimana
Namwe!ivyo muri afrika murihta guftingingo m8bza karurkundo rwacne muknda abarndi?nimreke gutranya abavndimw m8twaj ubutnzi bwanyu ninyngu zanyu.mbe abiciw mursengro muri amerika baziziki?ivynyu birazwi.
1er Myandagaro 2015, 13:22, par Ntiyaruzwa
Uyomunyamerika Bamuronderere Umuganga Womumutwe Hakirikare Uburundi Si Ribiya ! Ibigwanisho Bifise Abobabaha Raporo Zinuka Bakemera Ivyo Batabonye.
1er Myandagaro 2015, 15:33, par Nkurikirimana Ally Bachir
karekose se muragahora muraza kubyukuri abarundi twese turindiranye igishika izo manza nka bahunze baribategereje iryo jambo nyakubahwa, nayo abo baciye bamutuka bafise uruhara murubwo bwicanyi, murahawe ikaze
9 Myandagaro 2015, 20:39, par SERGES
IBITANGARO KW’ISI NTIVYOBURA,AMERIKA IFISE URUKUNDO RUNGANA GUTE KUBURUNDI N’ABARUNDI?MURI AMERIKA NTANGORANE ZA POLITIKE BAFISE?IYO SENTARE MPUZ’AMAKUNGU YAGIYEHO KUBERA AFRIKA!IBIBA MUBURUNDI MURIKINO GIHE BABIFISEMWO URUHARA!IBIBAZOVYOMUBURUNDI NIVYO ABARUNDI SIVYO MURI AMERIKA ARIKO AMERIKA CANKE AYANDI MAKUNGU BARASHOBORA GUTERERA ARIKO BADAFASE INGINGO CANKE NGO BACURUBANZA ATAWABIBATUYE.