Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Steven Sogo ariko ategura ururirimbo rurata ivyiza vy’Urwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo ariko ategura ururirimbo rurata ivyiza vy’Urwanda

Steven Sogo ariko ategura ururirimbo rurata ivyiza vy’Urwanda

mardi 9 Mukakaro 2013

Bimaze iminsi bivugwa ko umuririmvyi w’umurundi Steven Sogo ari ko aratunganya indirimbo ivuga ku vyiza vy’igihugu kibanyi c’Urwanda, ivyo kandi nawe yongeye kuvyivugira mu giteramo cari cahuje abaririmvyi bo mu Rwanda n’abarundi cabaye ku mpera z’iyi ndwi twaraye turangije ahitwa kuri Havana Club, iyo ndirimbo ikaba yitwa “Ndirimbe Urwanda”.

Ivyo vyatumye ikinyamakuru IGIHE tumurondera kugira asigurire abakunzi biwe ibijanye n’iyo ndirimbo. Uyu mugabo w’umurundi ukunzwe cane mu ndirimbo ziwe yavuze ko iyo ndirimbo ihari na cane cane ko yanagerageje kuyiririmba mu giteramo yaherukamwo kandi abantu bakaba barayikunze cane kuko iri mu mudiho w’indirimbo z’akaranga ( Music Traditionel) kandi ko igiye gushirwa ku mugaragaro mu minsi ya vuba.

Yabandanije avuga ko imvo zamuteye gukora iyo ndirimbo ari uko akunda igihugu c’Urwanda kandi anabisabwa n’umugenzi wiwe arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Rwanda( Amicale des Musiciens) yitwa Jean Pierre kandi bakaba baranayiririmbanye nawe.

"Iyo ndirimbo twayiririmvye mu ndimi zitatu, ikinyarwanda, igifaransa n’icongereza. Igaruka cane ku vyiza vy’Urwanda harimwo ibibanza ndangakaranga vy’Urwanda, hakabamwo ivyiza bigize Urwanda." Mu citabirizo cayo yavuze ati : "Reka ndirimbe ndirimbe Urwanda rwabaye rwogera muri Afrika no mu makunngu."

Steven Sogo ubu akaba ariko ategura igiteramo gikomeye mu gisagara ca Kigali kuko igihe aherukayo yarabonye ko abarwarwanda bakunda indirimbo ziwe hama muri ico giteramo akazobonerako akanya ko kubashikiriza iyo ndirimbo ku mugaragaro naho ivyo bidasigura imbere y’aho atazoba arayitanga ku bimenyeshamakuru.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.