Accueil > Amakuru > Amashuri > SPATUB : Ikibazo cega abanyeshure ba kaminuza cigunganywe n’umurwi umwe (...)
SPATUB : Ikibazo cega abanyeshure ba kaminuza cigunganywe n’umurwi umwe gusa
mercredi 26 Ntwarante 2014
Abigisha bahurikiye muri sendika y’abakozi bo muri kaminuza y’Uburundi (Syndicat du personnel administratif et technique de l’université du Burundi) basaba Reta y’Uburundi kubangira, ku ngingo yafashe yo gusubiramwo uko agafashanyo gatangwa mu ma kaminuza.
Mu rwandiko bandikiye umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 25 Ntwarante umwaka wa 2014 , abakozi bahurikiye muri sendika y’abakozi bo muri kaminuza y’Uburundi basaba Reta gusubiramwo kwihweza ingingo yafashe yo gusubiramwo uko agafashanyo gatangwa mu ma kaminuza . Abo bigisha babandanya bavuga ko Reta itarikwiye. kwigungana iyo ngingo ahubwo harikubaho ibiganiro abavyeyi n’abarezi bagatumirwamwo. kuko nabo batari kubura ico baterera .
Abo bakozi babandanya banegura ingendo y’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kuko atigeze ashira imbere ibiganiro kubo vyega bose kugira bige ikibazo c’uko ako gafashanyo koza karatangwa.
Abo bakozi nyene bahurikiye muri sendika y’abigisha baranegura ibihano vyafatiwe b’abanyeshure batanu birukanwa muri kaminuza mu kiringo c’imyaka ibiri. Ku bwo abo bakozi bo mu ma kaminuza y’Uburundi ntibahakana ko udukosha dushobora kuba twarabaye mu banyeshure ariko ku bwabo ,ntihaca hahanwa abaserukira abandi. Bakavuga ko iyo ngendo yo gufatira ibihano abaserukira abandi , ishobora gutuma abanyeshure badasubira kuza baronka ababaserukira , ivyo navyo ntibikibaho.
Floxella Karire