Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudan y’Epfo : ONU iratabariza abanyagihugu bashobora guhitanwa (...)
Sudan y’Epfo : ONU iratabariza abanyagihugu bashobora guhitanwa n’inzara
jeudi 28 Rusama 2015
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riratabariza abanyagihugu bo muri Sudani y’Epfo kubera inzara ihari.Abantu 4 kuri 10 barakeneye gufashwa mu bijanye n’infungurwa,bitarenze mu kwezi kw’indwi kuza,naho nyene infashanyo z’amakungu zidakwiye.
Igenzurwa riheruka gukorwa na ONU,ryerekana ko inzara yatanguye kwibonekeza muri ico gihugu haraheze amezi 17.Abantu imiriyoni 4,6 nibo bazoba bakeneye gufashwa mu bijanye no kuronswa infungurwa gushika mu kwezi kw’indwi,uno mwaka.Abantu bashika ku muriyoni bazoba bari mu bihe bigoye mu gihe kizokurikira.
Icegeranyo casohowe na ONU kuwa gatatu igenekerezo rya 27 Rusama,cerekana ko ibice bibangamiwe ari Jonglei mu buraruko bw’igihugu,hamwe na Haut-Nil mu bumanuko bw’igihugu,ivyo bice biri mu bibanza bitatu bibangamiwe n’umutekano muke.
Joyce Luma arongoye ishirahamwe ryitaho infungurwa kw’isi PAM mu gihugu ca Sudani y’epfo, amenyesha ko amamiriyoni y’abanyasudani y’epfo babangamiwe n’intambara,inzara hamwe n’ubukene.
Amashirahamwe afasha muri ico gihugu akamenyesha ko kubera ikibazo c’amabarabara kiboneka muri Sudani y’Epfo bategerezwa kwikora ku ndege mu kwunguruza infashanyo,ivyo navyo bigatuma amafaranga bakoresha yiyongera.
Igihugu ca Sudani y’Epfo kiri mu ntambara kuva mu mwaka w’2013,zihuza abashigikiye umukuru w’igihugu Salva Kiir n’icegera ciwe Riek Machar.Abantu barenga ibihumbi 10 baramaze kwitaba Imana,imiriyoni 2 nabo barahunga.
Van Naris Mugisha
Messages
28 Rusama 2015, 19:38, par jean pierre
Imana ibafashe kandi ibatabare kuko inzara irababaza.inihugu vyose bihuriliye muri ONU bafashe baterere kugira barokore ubuzima bw’abo bantu
29 Rusama 2015, 08:31, par emma
emma
jewe ndazi ingene inzara ibabaza jewe ndasavye amakungu afashe icogihugu kive muntambara kugira abanyagihugu baco baronke infungurwa baronke namahoro kandi nizo ndege nizigerageze zirabe ingene zibashikanira izodya nfungugwa.