Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani : Riek Machar yahinduye umunsi w’ugushika i Juba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani : Riek Machar yahinduye umunsi w’ugushika i Juba

Sudani : Riek Machar yahinduye umunsi w’ugushika i Juba

lundi 18 Ndamukiza 2016, par egide

Umukuru w’abarwanyi bo mu gihugu ca Sudani y’epfo, Riek Machar ntiyagarutse mu gisagara ca Juba kuri uwu wa mbere, nk’uko vyari vyitezwe.
Umuvugizi wiwe yamenyesheje ko ukugaruka kwiwe kwashizwe kuri uwu wa kabiri, ku mvo z’imyiteguro.

Nk’uko vyari vyashikirijwe, vyari vyitezwe ko Riek Machar agaruka muri Sudani kuri uwu wa mbere, kugira ashikire amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, nk’uko bitegekanijwe mu masezerano yatumye intambara zari zimaze imyaka ibiri muri ico gihugu zihagarara.

JPEG - 73.9 ko
Doctor Riek Machar

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko Riek Machar yavuye mu gisagara ca Juba inyuma y’aho intambara yadukiye mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka w’2013.
Abantu barenga imiriyoni zibiri barataye izabo, abandi ibihumbi n’ibihumbi baricirwa muri iyo ntambara. Riek Machar yari icegera c’umukuru w’igihugu Salva Kiir imbere y’uko iyo ntambara yaduka.

Sudani y’epfo yiyonkoye ku gihugu ca Sudan mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’2011.
Mu masezerano y’amahoro yashizweko umukono mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’2015, James Wani Igaa, ubu ariwe cegera c’umukuru w’igihugu, azobandanya muri ico kibanza, ariko Riek Machar akazoba afise ubutegetsi kumusumba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.