Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani : Riek Machar yasubirijwe
Sudani : Riek Machar yasubirijwe
lundi 25 Mukakaro 2016, par
Intambara yadutse mu ndwi iheze, mu gihugu ca Sudani y’Ubumanuko, yatumye icegera c’Umukuru w’Igihugu, Riek Machar ahunga, ava mu gisagara ca Juba, gushika ubu akaba atawuzi irengero ryiwe.
Umukuru w’igihugu Salva Kiir yari yatanze ikiringo co gushika kuri uwu wa gatandatu kugira Machar abe yagarutse mu gihugu. Ariko Machar akaba atubahirije iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu Salva Kiir.
Umuvugizi w’umwe mu migwi y’abagwanyi akaba yatangaje ko vyagaragaye ko abatavuga rumwe na Reta bafise inguvu, avuga ko uwahora ari umushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka, Taban Deng Gai, asubiriye mu mabanga Machar, gushika Machar agarutse mu gihugu.
VOA ivuga ko ukutumvikana hagati y’umukuru w’igihugu Salva Kiir, n’icegera ciwe Riek Machar, kwadutse mu mwaka w’2013, inyuma y’aho Sudani y’Ubumanuko yikukiye, Salva Kiir akagiriza Riek Machar ko yashatse gutembagaza ubutegetsi bwiwe.
Iyo ntambara yahitanye abanyasudani y’Ubumanuko bashika ku bihumbi cumi, abandi barenga imiriyoni zibiri barangazwa.
Amasezerano yateweko umukono mu mwaka w’2015 yatumye iyo migwi yompi ishira ibigwanisho hasi. Mu kwezi kwa kane kw’uwu mwaka, barashize hamwe bagira Reta imwe. Umukuru w’igihugu Salva Kiir n’icegera ciwe Riek Machar basabwe gushira hamwe imigwi yabo y’abagwanyi, bakagira igisirikare kimwe.
IGIHE