Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’amaj’epfo hari ingwano zikomeye mu gisagara cimbura ibitoro
Sudani y’amaj’epfo hari ingwano zikomeye mu gisagara cimbura ibitoro
jeudi 30 Gitugutu 2014
Nk’uko bitangazwa n’ikinyamakuru AFP, igisirikare c’igihugu caratanye mu mitwe n’abagwanyi mu gisagara co mu buraruko citwa Bentiu gisanzwe kirimwo igitoro cinshi cane. Ibi bikaba vyemezwa n’igisirikare hamwe n’amashirahamwe atabara imbabare.
"Bentiu yatewe kuva mu bumanuko gushika mu buraruko", nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’igisirikare, Philip Aguer. Izo ntambara ziyadukije mu gihe hari haheze amezi atari make hari agahengwe mur’ico gisagara.