Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo : Amasezerano yo guhagarika intambara yasubiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo : Amasezerano yo guhagarika intambara yasubiye (...)

Sudani y’Epfo : Amasezerano yo guhagarika intambara yasubiye kurengwa

mardi 10 Ruhuhuma 2015

Abarwanya igihugu ca Sudani y’Epfo basubiye gutera, bakaba biriwe bararasa ibirindiro vy’abasirikare ba Reta mu gisagara ca Bentiu.

Nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi w’ico gihugu, ico gisagara catewe kuri uno wa kabiri, kiri mu Buraruko bw’ico gihugu, kandi kikakaba gitunze ibitoro vyinshi. Kuol Manyang, umushikiranganji wo kwivuna abansi, akavuga ko abo basaya barenze ku masezerano, kandi ko nabo batagiye kurera amaboko, bagiye kwivuna, baze barabasubiza.

Iyo ntambara ikaba isubiye gukomera, mu gihe Salva Kiir, umukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo hamwe n’uwahoze ari umushikiranganji wiwe wa mbere Riek Machar batereye umukono wo guhagarika intambara, mbere bakubahiriza n’amasezerano. Abahuza muri ivyo biganiro, bakaba bari bababajwe cane n’irengwa ry’umwumvikano rikorwa n’abo bagabo, baca bamenyesha ko hagiye kuzofatwa ibihano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.