Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani Y’Epfo: Salva Kiir yashize umukono ku masezerano y’amahoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani Y’Epfo: Salva Kiir yashize umukono ku masezerano y’amahoro

Sudani Y’Epfo: Salva Kiir yashize umukono ku masezerano y’amahoro

jeudi 27 Myandagaro 2015

Umukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo Salva Kiir, yashize umukono ku masezerano y’amahoro mu ntumbero yo guhagarika no guheza indwano zimaze amezi 20 hagati ya Reta n’uwahoze ari icegera ciwe Riek Mashar.

Salva Kiir, yari yanse gushira umukono kuri ayo masezerano mu ndwi iheze avuga ko afise amakenga kuri ayo masezerano.

Ivyemejwe muri ayo masezerano, bitangura gushirwa mu ngiro mu kiringo kitarenze amasaha 72.

Mu kwubahiriza ayo masezerano, abasirikare bava mu yandi mahanga z’amahanga bategerezwa kuva muri ico gihugu, kandi nta basirikare bemerewe kuba bari hafi y’umurwa mukuru w’igihugu, Juba.

Salva Kiir,yahimirijwe cane n’amakungu kugira yemere ayo masezerano, azoja muri Reta y’ubumwe bw’igihugu ari kumwe n’umukuru w’abatavuga rumwe na Reta Riek Mashar.

Sudani y’epfo yaronse intahe yo kwikukira mu mwaka w’2011, ariko yabandanije ibangamirwa n’intambara zo gusubiranamwo kuva mu mwaka w’ 2013.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nkabanyamahanga turi muri kino gihugu tuzovyemera tubibonye kuko naho yasinye yameramwo bike ugegeranije urabona neza KO kwbaye gutinya amakungu gusa turasega imana birame

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.