Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo yasabwe kugira amatohoza vuba kw’ikororwa ry’indege ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo yasabwe kugira amatohoza vuba kw’ikororwa ry’indege ya (...)

Sudani y’Epfo yasabwe kugira amatohoza vuba kw’ikororwa ry’indege ya ONU

jeudi 28 Myandagaro 2014

Inama ijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yasavye ko Sudani y’Epfo yotanguza amatohoza ku ndege y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yakorokeye muri ico gihugu.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona ryasohowe n’ibihugu bigera kuri 15 bigize inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bikaba vyasavye igihugu ca Sudani y’Epfo gutanguza amatohoza kandi ku mugaragaro, ataho yegamiye kuri iyo ndege yakorowe, iri mu bwoko bwa kajugujugu. Iyo ndege yo mu gihugu c’Uburusiya, ikaba yakororewe mu gihugu ca Sudani y’Epfo, abantu 3 kuri bane bose bari bayirimwo bakaba baciye bitaba Imana. Abakoroye iyo ndege ntibaramenyekana, ikizwi co, akaba ari uko ari umwe mu mirwi ihanganye aho muri ico gihugu, nk’uko bivugwa muri iryo tangazo. Bavuga ko atari umurwi wegamiye Reta woba warakoroye iyo ndege, ari umurwi urwana na Reta.

Abariko barafasha kugarukana amahoro muri ico gihugu bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bakaba basabwe gukora ibishoboka vyose kugira bakingire umutekano wabo. Kugeza ubu, abarwanyi batavuga rumwe na Reta bakaba aribo bamaze kwegekwako ico caha na Reta, nk’uko colonel Philip Aguer avugira igisirikare ca Reta ya Sudani y’Epfop yabivuze.


Aristide Nizigire

Messages

  • jew nari maz hafi imyaka ibiri mba muri sudan yepfo irya ndeg irashobora kuba ya korow na leta kuko leta yaho ntiyumvika a na america ntibabesher ikiroberi gitwarwa na Riek Machar

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.