Accueil > Amakuru > Poritike > Suède : Abarundi bateguye imyiyerekano imbere y’ahakorera inama (...)
Suède : Abarundi bateguye imyiyerekano imbere y’ahakorera inama nshingamateka
vendredi 4 Ndamukiza 2014
Abarundi bo mu gihugu ca Suède baratewe umutima uhagaze n’ibibazo vya poritike n’ubutunzi biguma vyiyongera mu Burundi, kandi hari hasigaye umwanya muto kugira amatora yo mu mwaka w’2015 atangure. Ishirahamwe ry’abarundi bo mu gihugu ca Suède risaba Reta y’Uburundi, ibifashijwemwo n’amakungu, ko yokora ibishoboka vyose kugira yirinde icogarukana intambara mu Burundi.
Ako kamo k’abarundi bo muri Suède, nk’uko vyashikirijwe mu rwandiko basohoye, gafise intumbero yo gukebura Reta y’Uburundi kugira ntizohave yibuka kuyora yamaze gusesa, ivyo bakabishikiriza bisunze ukungene imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi itemererwa gukorera mu mwidengemvyo, kenshi mbere ugasanga ubutegetsi burivanga mw’itunganwa ry’iyo migambwe, rimwe na rimwe igacanishwamwo ku nyungu z’umugambwe uri ku butegetsi.
Nk’uko bivugwa muri iryo tangazo abarundi bo muri Suède basohoye ku munsi w’ejo kuwa kane, intwaro rusangi ntishobora kuvugwa, mu gihe umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi ariwo wonyene wemererwa gukorera ku mugaragaro no mu bwigenge.
Abarundi bo muri Suède ntibashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza
Amasezerano y’i Arusha avuga ko umukuru w’igihugu c’Uburundi atorwa ku kiringo c’imyaka itanu, akaba ashobora kwongerwa rimwe gusa. Muri ayo masezerano, baratomora ko ata muntu n’umwe ashobora kurongora igihugu c’Uburundi ibiringo birenga bibiri. Muri iryo tangazo abo barundi bo muri Suède basohoye, bamenyesha ko naho Petero Nkurunziza yama avuga ko umugambwe wiwe CNDD FDD niwamusaba kuwuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu azogamburuka, yokwibuka ko niyaramuka yemeye gusubira kwitoza ubugira gatatu azoba ahemukiye ibwirizwa shingiro n’amasezerano y’i Arusha yatumye igihugu gisubirana itekane, inyuma y’imyaka myishi abarundi bariko baratabagurana.
- Oscar Butare, umukuru w’ishirahamwe ry’abarundi bo muri Suède
Muvyo basaba harimwo ubwigenge bw’ubutungane
Urubanza rwaciriwe abanywanyi ba MSD bafatiwe ku ngoro y’uwo mugambwe mu Kinindo ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014 rwerekanye ko ubutungane bw’Uburundi bukoreshwa n’ubutegetsi, mu ntumbero yo kubuza uwoba ashaka kuvuga ibitajanye n’ivyo abatwara bagona. Nk’uko bivugwa na Oscar Butare, umukuru w’ishirahamwe ry’abarundi bo muri Suède, ubutungane bw’Uburundi ntibwari gucira urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwose abanywanyi bacucagiwemwo amasasu n’abaporisi b’igihugu, ivyo vyose akaba ari ibicapfuza isanamu y’Uburundi mu makungu.
Iryo shirahamwe ry’abarundi bo muri Suède ribandanya risaba Reta y’Uburundi ko yohagarika ingingo yafashe y’ugukuraho agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure ba Kaminuza, kuko abo banyeshure ata yandi mikoro bafise atari ako gafashanyo. Mu gihe Reta yohagarika kugatanga kuri bamwe nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, ntaho vyoba bitaniye n’ukwima uburenganzira bwo kubandanya amashure ku munyeshure w’umukene.
Ishirahamwe ry’abarundi bo muri Suède rihamagarira amakungu, cane cane igihugu ca Suède ko bosaba Reta y’Uburundi ikubahiriza intwaro rusangi, kugira n’amatora yo mu mwaka w’2015 azoshobore kuba mu mutekano. Ni muri iyo ntumbero iryo shirahamwe ry’abarundi bo muri Suède ryatunganije imyiyerekano ihava ibera imbere y’ahakorera inama nshingamateka ya Suède, kuri uwu wa gatanu i Stockholm, isaha indwi z’umurango (13h).
Egide Nduwimana
Messages
4 Ndamukiza 2014, 11:12, par NITWEBWE
MBE KO BAVUGIRA MURI SUEDE NIBAZE IBURUNDI BAVUGIREYO SUEDE NIBAZA KO GIFISE PRESIDENT WACO.HARICO MUTABABAZA MBE BATINYA NKURUNZIZA CANKE BATINYA UMUGAMBWE AVAMWO?UWUBONA YARAMBIWE NOGUTWAGWA NA NKURUNZIZA ARAREKA KUMUTORA HAMA ABASHIMA IVYAKORA BAMUTORE.ARE NICO GITUMA DUTORA!NTAMUNTU ATANGA IGIHUGU, IGIHUGU KIRAGWANIGWA NIBAVYUMVE.
4 Ndamukiza 2014, 12:30, par Gavillé Irakoze
Muragow Mwabantu Mwe Mwigungira Kubutegetsi Umenga Igihugu Nico Mwasigiw Nabavyeyi Banyu.Inda Ndende Ihumira Indya Ikica Akokize Kandi Imvunderi Yakorokey Mumubindi Ntiyigerera Hama Iruhuka Kumeneka
4 Ndamukiza 2014, 13:12, par oscar
wewe wiyita ngo ni twebwe ego ivyo uvuga nivyo igihugu kiagwanirwa ariko biba biciye mumategeko ,rero urumva president ahari asbiriye kwitoza yoba aciye kubiri n,ibwirizwa shingiro
4 Ndamukiza 2014, 14:28, par Nemanze vyosengaha
Ako kagabo nimba aragakecuru ka nitwebwe karazi gusoma?Canke bakadendereje mukukandikira!nikamenye neza ko ata muntu (akantu) numwe ashoboye kuba Imana(imana) y’uburundi!
4 Ndamukiza 2014, 14:47, par bosco
oscar guma izo frecher hamu ureke kudawa ivyiburundi ntavyuzi.
4 Ndamukiza 2014, 15:21, par mukobwajana
TUBWIRE IVYO BIDOMA VY IBI DD TUTI INTAMBARA YARAHEZE HASIGAYE GUTWARA MURI DEMOCRATRIE ..NAYO NTIVUGA NGO NI IGIKENYE KURENGA AMATEGEKO KANDI ABA DD UMENGO NTA BANDI BARUNDI BABAHO!!!ABARI MU MAHANGA BAREKE NI CITOYENS NKA TWESE KANDI BARAKURIKIRANA IBIBA AHA JE NDABIZI !!!ABA DD NA PETER WABO BAMENYE KO TUBA DANS UN ETAT DE DROIT ...VA MURI SAUVAGERIE NGO MURI BENSHI
4 Ndamukiza 2014, 18:07, par raba da
abobantu biyita ngo barongoye amashirahamwe agizwe nabantu babiri jewe nukuri sindabumva. nibarabe bangana gute abo none none ababa baba murvyo bihugu bose baba bangana gute ngo tumenye ko ivyiyumviro vyabo bishigikiwe nabeshi?
4 Ndamukiza 2014, 19:54, par Burundi
Nibaza ko niba umuntu ari UMURUNDI aba hanze ntaba yatswe uburenganzira bw’igihugu ciwe!! NaPeter iyo atahabona intete twamurungikira tuba IMutabila canke Adolphe hamwe IMuyovozi iyo atahaza ngo tumuhe agasururu ugira ngo ayo manyama yari kuronkaaho ayakura?Muce bugufibahungu mwibuka aho mwavuye
4 Ndamukiza 2014, 20:36, par NDIMASO
BURUNDI,gezaho shahu wewe imutabira ntaho uzi.kandi ntukahamenye,kwarivyo mwitwaza,twebwe abanyagihugu tuzumutora nkurunziza,muce muvyura iyontambara muriko muraririmba tuzorabe ko mweregwa,ugwo rugabo rusangiye imigambi na CIRAMUNDA,ariko tuzokorana murahumba,musaze naho dusare twese.habure uwuvuza uwundi.ko mubishaka caaane.turabarindiriye muri 2015.
4 Ndamukiza 2014, 21:47, par Teddy
Emwe birababaje kubona abiyitirira gutumwa n’abarundi baba muri Suède, mukuja kuvuga ikibabakiye! Kuki batovuga neza abo baserukira, ha kubeshera inzirakarengane! Murondera ibiti nabi!!!
4 Ndamukiza 2014, 21:49, par Kaburente
Hari ho abantu bazogwara imitima muri 2015 yemwe!!!!! None ga yemwe aho muzosubira gukorora amosozi ngo babivye mwirirwa muriyamamura muri ubwo buraya gusa? Taha muze i Burundi tubigishe demokarasi, tubereke aho mushira ayo majwi make ari kurushi yanyu.
4 Ndamukiza 2014, 21:51, par Nwari
Komera Ms Butare ivyo mukora turi inyuma yanyu .Abatabitahura bozotahura hanyuma komera
5 Ndamukiza 2014, 05:35, par Mbega?
Komurishirahamwe ryabarundi mwotubwira icomumaze kumarira abarimu Burundi? Canke icomutumariye nico cokuja kunyubakwa yabashingamateka muri Suede? Ndabakunda ariko iconobabwira nuko ivyomukora atacobitwunguratwebwe turingaha mugihugu kiretsegusongerisibegusa ngomurinivyo murikomuravuga! nkamajambomwakoresheje asanzwe yirirwa arakoreshwa nabatavugarumwena E,tat ngahamuburundi kandi nubwomuriyo Burayi ntabwengemubasumvya, nibazako mwashatse kuturyaho umunyenga ngomutwerekeko muribihangange muri Suede?
5 Ndamukiza 2014, 10:42, par vyarahindutse
nemanze vyosengaha urumuntu wantakigenda!!!mugabo ntibitangaje .akagabo niwewe urashobora kugaya umuntu wewe?wakijujuwe none kuva aho mwatwariye ntimuraruha?tuzobatwara twongere tubatware uwuzokwunva atabishaka yomoke.nakare mwaravumwe amaraso yandadaye mwanyoye azobakurikirana.
5 Ndamukiza 2014, 21:25, par mukobwajana
MU BIHUGU NKA SWEDE NA DANEMARK NA NORVEGE BIRIMWO BCP D ANALPHABETES TURABIZI BAZANYWE NA ONU BAVUYE MU MAKAMBI YA TANZANIYA ,,USANGA ARIBO BANKA SOLIDARITE KUKO BANANIWE NA REINTEGRATION KUKO NTA NIVEAU SONT DE SIMPLES OUVRIERS TURABAZI...YEMWE BANTU MUBA MUI IVYO BIHUGU GERAGEZA TWEHO NTA WUVUGA BICA IZUBA RIVA MURABIZI,,ARIKO BAZOTESHWA KUKO C EST TROP,,ABITWZA AMOKO NI BAHAGARIKE TWARABAHINYUYE...
6 Ndamukiza 2014, 17:18, par maso
Vyarahindutse heba wisonere!!None aho uratwara?ufise ububasha ubwahe bwogufata ingingo?Ntasoni?Wibaza ko userukira abatwara?
6 Ndamukiza 2014, 19:16, par Wewe
mukobwa jana aho niho nyene mwapfiriye abo mwita aba ANALPHABETES bazananye na Onu kuva muri tanzania womenya ko Imana yabagiye imbere kandi abeshi muribo bararangije kaminuza . turababona turi masi never again ... mumitwe yanyu mwujujemwo amazi ngo ntana niveau DE SIMPLES OUVRIERS bafite agasuzuguro kanyu niko gatuma mudatekana mumutwe ... ndabarahiye ko tutazosubira inyuma ... hano uwize nuwutize bagira uburenganzira bungana mwanyamaswa mwe >>>>
6 Ndamukiza 2014, 22:04, par GIRAMAHO
Mukobwajana,utimwarize,mwize guhonyora kugakanu abantu,sawa bandanya ufise izontsinga mumutwe wawe,umusi urizina uzotangara,wewe naho woba warize,ntaco uzi urikijuju.uzosubireyo wige icigwa bita UGUSHISHOZA,kuko ivyuvuga ntagaciro birimwo kandi wewe uguma wihindura amazina ,haraho wiyita NWARI,harya tuba tubona intego yawe ufise.
7 Ndamukiza 2014, 03:38, par NTUNZWENIMANA Innocent
Mbega izo njavyi ziyita ngo ziserukira abandi mwibaza ngo zingana iki?ziri kurushi.babagaye bareke muzobanaaa’.kmwe gusa ntapolitipue bakizi barahahamutre kandi ntagitangaje bishe abantu benshi none bazorinda bapfa atamahoro bagize ewe butare ndabasetse. eeabaqpr?
7 Ndamukiza 2014, 12:55, par mugobonihera
HEBA MWISONERE
IBIHE UBURUNDI BWACIYEMWO NIMBA MUTANYUZWE N’ABO MWISHE SINDABUNVA.
MBEGA KO UMENGO KUBA UMUTUTSI UBA WIBAGIYE KO ABATWA N’ABAHUTU NABO BAFISE UBURENGANZIRA BWOKUBAHO NABO.
RACISME NTIYUBAKA.
NTAWUZOGUTORA NGO N’UKO WANKA ABOMUDASANGIYE UBWOKO.
DUSHIMA ABAVUGA IMIGAMBI ITEZA IMBERE IGIHUGU N’AHO IVY’AMOKO NTITUBIKENEYE.
7 Ndamukiza 2014, 23:28, par KINYOTA
MWARISHE ABAHUTU MWIYITA NGO ABA SANS ECHEC
MURASAHURA UTWABO MUCA MURONKA ITIKE YOKUJA HANZE
UBU MURASOKOROTSE MURAVYUYE IVYO MURI 1962, 1965, 1972,1988 1993
ARIKO NTIMUBONA KO ABAHUTU MWABAMAZE?
UBU NIMWSUBIRA KWICA MUZOSANGA MWISHE N’ABISHWA BANYU NACANECANE KO UBU ABAHUTU BIRONGORERA ABATUTSIKAZI KUGIRA BIKINGIRE NTIMUZOZE MURABICA KUKO ABAGORE BABO BACA BABABURIRA HAKIRI KARE.
TWARABAMENYE BASHA. BASHIKIBANYU NIBO BAZOHORA BATWIBIRA AKABANGA KO MUGIRE MUSUBIRE KUTUMARA
3 Ruhuhuma 2015, 01:32, par SENGA
N’ukuri karahanyuze . Le génocide des Tutsi a largement ouvert les yeux et la conscience des rescapés mais a malheureusement hemertiquement coffré le bon sens de leurs boureaux. Nah intambara yama bombes naza blindés yahagaze kuzuba yimukiye mumitwe y’abarundi. Usomye msg zabo nih ubona vy ukuri ko tukiri kure y’amahoro , kanatsinda ntawotwrwa n’ uwuvuye mwishamba ngwamuzige k’amahoro adafise . On ne donne que ce qu’on a.
31 Rusama 2015, 14:11, par ndayiragije jerome
nukuraba abarundi tukareka gucanamwo turi bamwe turazi intambara aho yatugejeje.