Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYGECO : Amabanki yimonogoje mu kunyaga ingwati z’abanywanyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > SYGECO : Amabanki yimonogoje mu kunyaga ingwati z’abanywanyi

SYGECO : Amabanki yimonogoje mu kunyaga ingwati z’abanywanyi

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Muri sendika SYGECO (Syndicat Général des Commerçants) bagiriza amabanki ko yimonogoje mu gukora ubusuma mw’igurishwa icamunara ry’ingwati z’abanywanyi, aho mbere ayo mabanki canke abakozi bazo bakuru bakuru aribo bazigura. Akarorero ka hafi muri SYGECO batanga ni ak’uwitwa Mohamed Abdul Hussein bivugwa ko ibanki BCB (Banque Commerciale du Burundi) yagurishije inzu yiwe iri muri Rohero kandi yari yahejeje kuriha umwenda yari afitiye iyo banki.

Umukuru wa sendika SYGECO (Syndicat Général des Commerçants), Audace Bizabishaka amenyesha ko batewe umutima uhagaze n’ingendo amabanki yihaye yo kugurisha ingwati z’abanywanyi bidaciye mu mategeko. Akarorero kabaye aka Hussein Mohamed yanyazwe inzu yiwe iri muri karitiye Rohero, igurishwa icamunara kandi yari yahejeje kuriha amafaranga yose uko ari 34184350 z’amafranga y’amarundi. Iyo nzu nayo ikaba yaguzwe n’umukozi mukuru wo mw’ibanki BCB azwi kw’izina rya Valentin Bashirahishize ku giciro gito cane c’amafaranga y’amarundi imiriyoni 55 ku nzu ifise agaciro k’imiriyoni amajana abiri. Audace Bizabishaka amenyesha ko ivyo bitandukanye n’amategeko, kuko kizira ko amabanki aba ariyo agura izo ngwati.

JPEG - 6.9 ko
Audace Bizabishaka arongoye SYGECO

Nk’uko bibandanya bishikirizwa na Audace Bizabishaka, uwo munyarwanda Mohamed Abdul Hussein yaritwaye muri sentare y’ubudandaji kuko inzu yiwe yari yamaze kwandikwa kuri uwo mukozi w’ ibanki BCB. Mohamed Abdul Hussein yitwaye kuko ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya amatongo (Direction des titres fonciers ) bwari bwamazze kwegurira iyo nzu uwo mukozi Valentin Bashirahishize wa BCB. Urubanza yararutsinze, ariko rero mw’ibanki BCB, babicishije ku mushingwamanza wayo, gushika ubu baguma bunguruza urubanza.

Muri sendika SYGECO (Syndicat Général des Commerçants) bavuga ko batumva ukungene ibanki ikomeye nka BCB ibandanya iburanya umuntu ata na kimwe ayiheraniye, igatako ikamutwara inzu.
Sendika SYGECO isaba ibanki BCB guhagarika ingendo yihaye yo kugurisha ingwati z’abanywanyi, kuko ivyo bituma n’abanyamitahe batinya kuzana imitahe yabo mu gihugu c’Uburundi kubera ubwo busuma bukorerwa abanywanyi. Audace Bizabishaka akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.