IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > SYGECO: “Ivyo syndika yahora irwanira nka vyose vyararonse inyishu (...)

SYGECO: “Ivyo syndika yahora irwanira nka vyose vyararonse inyishu nziza”

mardi 13 Myandagaro 2013

Inyuma yaho habereye inama rukokoma y’ubutungane yari yabereye i Gitega kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kw’igenekerezo ryi 9 Myandagaro, Syndika y’abandandaza SYGECO yatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 13 Myandagaro 2013 mu ntumbero yo kubamenyesha ivyerekeye iyo nama ku gisata c’ubutungane mu budandaji.

Muri iyo nama rukokoma y’ubutungane, harihwejwe ibitari bike, umurwi w’indwi w’iyo nama ukaba wari werekeye ubutungane mu mibano no mu budandaji. Audace Bizabishaka, umukuru wa Syndika y’abadandaza SYGECO, yamenyesheje ko mu gisata c’ubutungane mu mibano no mu budandaji, hihwejwe canecane ingorane zimaze iminsi zishikirizwa na Syndika y’abadandaza SYGECO ziri hagati y’amabanki n’abandandaza. Izo ngorane ni:

1) Uko amasezerano akorwa

2) Uko amabanki avyaza inyungu ku zindi

3) Uko ingwati zatanzwe n’abadandaza zigurishwa.

Ku ngorane zijanye n’amasezerano y’ingurane, ingingo yavuye mu nama rukokoma y’ i Gitega, ivuga ko habaho gutegura amasezerano yumvikanywe ko n’impande zose hakurikijwe amategeko agenga amasezerano. Ingorane zijanye no kuvyaza inyungu ku zindi n’ukuvuga amabanki ariha kuri compte y’abanywanyi babo inyungu, zavyawe n’izindi nyungu buri kwezi, ivyo bigatuma abanywanyi ba ma banki bahomba vyinshi nayo amabanki yunguka umurengera hahonyanzwe amategeko abigenga. Kuri ivyo, ingingo yavuye mu nama rukokoma ivuga ko inyungu zitavyara izindi ku kwezi, ku mezi atatu no ku mezi atandatu. Ingingo ya 52 y’igitabo ca 3 c’amategeko itegerezwa gukurikizwa n’amabanki, n’ukuvuga ko inyungu zivyara izindi ku mwaka gusa.

Nayo ku ngorane zijanye n’igurishwa z’ingwati z’abandandaza, igurishwa ry’icamunara rikorwa uyu munsi ry’isunga itegeko ryo k’umwami ryo kuwa 21 Munyonyo 1925, rivuga ko kizira ko umuntu yunguruza urubanza rwaciwe impaga. Ivyo navyo bikaba biteye kubiri n’amategeko yandi akora uyu munsi, n’ukuvuga, itegeko bwirizwa nshingiro, itegeko ritegekanya ingene imanza ziburanishwa, itegeko ritegekanya itunganywa n’iringanizwa ry’ubucamanza, n’ayandi mabwirizwa atarinze kudondagurwa.

Kuri iyo ngorane, ingingo yavuye mu nama rukokoma, ivuga ko itegeko ryo ku mwami ry’igenekerezo ryo ku a 21 Munyonyo ritegerezwa gusubirwamwo ryisunze amabwirizwa yandi ari mu gihugu cacu, mu bihugu vy’akano karere na mpuzamakungu. Ku bibaza ko ivyapfunditswe muri iyo nama rukokoma yabereye I Gitega bizohava bidashirwa mu ngiro kuko bitarandikwa mw’ibwirizwa nshingiro, Audace Bizasbishaka, yabahumurije, avuga ko atamakenga namwe ahari ko ivyapfunditswe muri bitoshirwa mu ngiro kuko n’ikimenyamenya, abaserukira ibisata bitandukanye vy’ubudandaji n’amabanki ariyo bari, kugira bafate ingingo zizotuma ibibazo n’ingorane vyaranga ico gisata bidasubira kuba intambanyi.

Syndika y’abadandaza SYGECO, ikaba yaranezerejwe n’ivyavuye mu nama rukokoma ku bijanye n’ubutungane mu mibano no mu budandaji. Yarangije ikiganiro ashimira Leta y’Uburundi biciye m’ubushikiranganji bw’ubutungane n’abandi bose bafashije kugira ico gikorwa kidasanzwe kiranguke.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.