Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYGECO yiteguye kuburanya Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > SYGECO yiteguye kuburanya Reta

SYGECO yiteguye kuburanya Reta

mardi 24 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Sendika y’abadandaza SYGECO iriteguriye kuburanya Reta y’Uburundi hamwe yokwemeza itangwa rya kirya kibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Abo badandaza bakabona ko inyungu zabo zahonyanzwe kuko batigeze bagishwa inama kandi bari bafisemwo umutahe munini.

JPEG - 94.3 ko
Audace bizabishaka arongoye SYGECO

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kabiri, muri SYGECO bavuga ko batangazwa n’ukungene Reta ishobora gufata ingingo nk’iyo itagishije inama abadandaza kuko bari bafisemwo umutahe munini w’imiriyaridi amajana atatu. Muri SYGECO basaba inama nshikiranganji y’Uburundi izokorana ku munsi wa gatatu kudahirahira ifate ingingo nk’iyo igayitse yo kugurisha ikibanza izi amarira yahabereye umunsi isoko isha.

Kurya umukuru w’igihugu c’Uburundi yama asaba abarundi gukunda igihugu cabo, muri SYGECO basaba inama nshikiranganji nayo gukunda igihugu cabo hamwe n’abarundi, ntibahirahire kuguza inyungu z’umuntu umwe n’inyungu z’isinzi ry’abanyagihugu, nk’uko Audace Bizabishaka abandanya abishikiriza.

Muri Sendika y’abadandaza SYGECO baragabisha Reta hamwe n’abagize inama nshikiranganji ko hamwe cogurishwa bazokwitura ubutungane gushika baronke agateka kabo. Bongeye batera akamo rirya shirahamwe ry’abashinwa guhagarika umugambi wo kunyaga abadandaza b’abarundi bavuga ko biyemeje guhangana n’iryo shirahamwe, abo badandaza bakaba bibukije Reta y’ Uburundi ko yivugiye ko isoko ya Cotebu ari mfatakibanza.

Sendika SYGECO ikaba ibishikirije inyuma yaho mw’ishirahamwe OLUCOME batangaje ko ishirahamwe ryo mu bushinwa ryitwa Sino African Trading and Investment Initiatives Co Limited, ryahawe imyaka 50 yose yo gukorera muri ico kibanza. Ivyo bikazokorwa, abasanzwe badandariza ku mpande z’iyo soko babanje kwirukanwa.


Floxella Karoire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.