Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuyobozi mushasha wa kaminuza’’Université Espoir d’Afrique" ni nde?Yamaze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umuyobozi mushasha wa kaminuza’’Université Espoir d’Afrique" ni nde?Yamaze (...)

Umuyobozi mushasha wa kaminuza’’Université Espoir d’Afrique" ni nde?Yamaze iki?

mardi 20 Nzero 2015

Sylvain Nzohabonayo aramutswa amabanga y’ubuyobozi bwa kaminuza yitiriwe umwizero w’Afrika ni nde? Yamaze iki?

Sylvain Nzohabonayo yavukiye Nyambuye kw’igenekerezo 12 Munyonyo 1976, ubu arubatse kandi afise abana babiri .Yatanguye amashuri mato mato i Nyambuye mu mwaka w’1983 gushika mu mwaka w’1989, ayabandaniriza kw’ishure rito ryo mu Kigobe. Amashuri yisumbuye yayatanguye mu mwaka w’1991 kw’ishure ry’isumbuye ryo mu Ngagara mu nyuma yinjira kw’ishure ry’isumbuye ryitiriwe Mutima Mweranda (Lycee du Saint Esprit) ninaho yaronka urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye mu mwaka w’ 1998.

Kuva mu mwaka w’1999 gushika 2004, Sylvain Nzohabonayo yarahungiye mu gihugu ca Kenya. Mu mwaka w’2000, Sylvain yagiye kubandanya amashuri muri kaminuza yitiriwe umwizero w’Afrika mu gihugu ca Kenya gushika muri 2003. Mu mwaka w’2004, Sylvain yaragarutse mu gihugu ciwe, arangiriza amashuri yiwe kuri kaminuza yitiriwe umwizero w’Afrika mu gihugu c’Uburundi. Ntiyagarukirije aho,muri 2006 Sylvain Nzohabonayo yagiye kubandanya amashuri yiwe kuri kaminuza yitiriwe umwizero w’Afrika i Bujumbura, aho ahakura impamyabushobozi ya master mu nyigisho ndoramana (Master of Arts in Theological studies) mu mwaka w’2012.Si ivyo gusa, mu mwaka w’2012 yagiye kwiga mu gihugu ca Kenya muri kaminuza ya ’’International Leadership University of Kenya"

Mu mabanga amwe amwe yagiye arashingwa, Sylvain Nzohabonayo yarabaye umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu mwaka w’2010, arongera araba umwanya munini umwigisha muri kaminuza yitiriwe umwizero w’Afrika.Yarakoze mu bijanye n’ukwegeranya amakori mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, araja no muri komite ijejwe ubuhinga n’ugukurikiranira hagufi ibikorwa vya douane (Burundi Customs and Excise Departement).

Bimwe mu vyo azoshimikirako mu kurongora iyo kaminuza, akaba ari gutanga inyigisho z’akanovera, kugira kaminuza y’umwizero nk’ikigo c’ubushakashatsi, gufasha kugira iyo kaminuza ije mu zindi kaminuza zikomeye mu mahiganwa y’inyigisho zikomeye, hatibagiwe n’ugukomereza abakora muri ico kigo ndetse n’abahiga bose ukwiyegereza Imana.


Lorene Nubwabo

Messages

  • Ewe HOPE waragowe, quelqu’un qui a un master????? ne pourrait pas etre Recteur d’une universite comme HOPE OF AFRICA UNIVERSITY>Ou sont les docteurs , chaque fois on donne ce qu’on a et pas l’inverse

  • Ni la sagesse ni le niveau intellectuel ne sont pas suffisants pour piloter une université si du moins l’université veut être compétitive.

  • Uwo najye kuyobora secondaire kabisa naho kaminuza ntayo azashobora rwose, uburezi bufite ireme muri afrika buracyari ikibazo

  • aragerageza abogore kuko gushaya koko, iyo kaminuza igeze ahatemba. Hari umugambi wo gutanga amanota ajanye na niveau yoba azogira, hakava amwe atangwa muri ecole maternelle. gerageza

  • Que Dieu bénisse le recteur entrant

  • Oya .Iryo n’ibara mu mutere.Iyo ndaba ibintu biba mu Gihungu cacu u Burundi, nama niyumvira ko "Abaminuje " bari " conscients "nibiba muri Gihungu.Mbega mwari muzi ko ama Diplômes yose atangwa après 2005,ko ama Kaminuza akomeye yohanze atayemera. Hama , mugashira agati mu menyo ngo muratwara ama "Institutions"akomeye nka Kaminuza umuntu afise(master)yo muri Kenya.

  • c’est la honte,un cv aussi vide, l’article ne méritait même pas d’être publié! les universités devraient elles mêmes se valoriser, ce n’est qu’au Burundi qu’une personne de niveau master peut exercer de si nobles et importantes fonctions!

  • Imana iguhezagire nabana bawe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.