Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYMABU iranegura ibikorwa vy’umurwi uriko urategura inama rukokoma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > SYMABU iranegura ibikorwa vy’umurwi uriko urategura inama rukokoma

SYMABU iranegura ibikorwa vy’umurwi uriko urategura inama rukokoma

jeudi 1er Myandagaro 2013

Umukuru wa sendika SYMABU (Syndicat des Magistrats du Burundi), Jean de Dieu Nduwimana aranegura ibikorwa vy’umurwi uriko urategura inama rukokoma y’ubucamanza itegekanijwe gutangura kuwa mbere w’indwi iza.

Uwo arongoye SYMABU amenyesha ko batangazwa n’ingene iyo nama iriko irategurwa mu kinyegero kuko batariko baragishwa inama kandi aribo ahanini vyega.
Jean de Dieu Nduwimana amenyesha ko ibinyegeje inyuma y’iyo nama rukokoma iriko irategurwa bitazoja ku gatwe kabo.

Ku ruhande rw’umurwi uriko urategura iyo nama, bamirira kure ivyo sendika SYMABU iriko irashikiriza. Gérard Rugemintwaza, umunyamabanga w’uwo murwi uriko urategura iyo nama amenyesha ko ibikorwa vyose biriko bibera ku mugaragaro.

Ku ruhande rw’abashingwamanza mu Burundi naho nyene ntibashimishwa n’itunganwa ry’ivyo bikorwa vy’iyo nama izoba kuwa mbere. Isidore Rufyikiri, umukuru w’urwego rw’abashingwamanza mu Burundi yamenyesheje ejo ku nsamirizi Bonesha FM ko ugushaka kw’ubutegetsi arikwo kwonyene kuzoshobora gutanga ubwigenge ku bacamanza. Kubwa Isidore Rufyikiri, inama rukokoma ntaco ishobora gushikako ata gushaka kwa politike kw’ubutegetsi guhari.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.