IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > SYMABU iriyamiriza ivyavuzwe n’icegera c’umukuru w’urwo urunani

SYMABU iriyamiriza ivyavuzwe n’icegera c’umukuru w’urwo urunani

vendredi 31 Rusama 2013

Ibiro vy’urunani SYMABU ruhurikiyemwo abacamanza bose bo mu Burundi, vyahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru, aho bavuze ku bijanye n’ivyaraye bivuzwe n’icegera c’umukuru w’urwo runani, aho biyamiriza ivyo yashikirije vyose ku bijanye n’ihagarikwa rya yegereyegere bategekanya kujamwo kuva kw’igenekerezo rya 10 Ruheshi uyu mwaka.

Batanu ku ndwi bagize ibiro vya SYMABU niho bari bari, mu gihe umwe atashoboye kuhashika kuko yava kure, uwundi nawe akaba yari Prosper Gashusho asanzwe ariwe icegera c’umukuru wa SYMABU, ndetse akaba ariwe yashikirije ko yegereyegere yari yateguwe n’abacamanza ihagaze kuko itumvikanyweko n’abacamanza bose.

Bamenyesha rero ko icegera c’umukuru w’urunani ataburenganzira yari afise namba rwo kugira ico ashikirije na kimwe kuko, amategeko avuga ko icegera agira ico ashikirije mu gihe umukuru ataba ari mu gihugu canke mu gihe umukuru aba yafatiriwe n’ayandi mabanga, muri iki gihe rero, Prosper Gashusho akaba ataco yashikirije cobaca inkokora na kimwe, ingingo ya yegereyegere nubu bayumyeko.

SYMABU rero imenyesha abacamanza bose ko batocika inkokora ku vyo Gashusho yavuze ko n’ubu bakirindiriye umushikiranganji ko abatumako kugira bayage ndetse bakaba bafise inama ya bose kw’igenekerezo ry’icenda Ruheshi.
Umukuru wa SYMABU akaba yamenyesheje ko ibibazo vyabo bizwi n’umushikiranganji, ariko ikibashavuza n’uko umukuru w’umurwi wariko wiga ibibazo vy’abo bacamanza ubu yagenywe kuba umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine kuva agenywe akaba atasubiye gutonda mu nama y’umurwi, ndetse ntiyasubirijwe.

Ivyo basaba ubushikiranganji birimwo inama rukokoma y’abacamanza, imishahara yabo yagabanutse kubera ikori barihishwa cane cane ku turusho kera batahora barihira ikori, akarusho kajanye n’umwimbu, amafaranga y’induhuro, bakaba bamenyesha ko bipfuza ibiyago n’umushikiranganji.

Ku bijanye n’uko Gashusho yoba yarakoreshejwe canke ko icegera c’umukuru wa SYMABU yoba agira ategure SYMABU nyakuri, umukuru wa SYMABU avuga ko intara zose gushika uyu munsi bazi neza ko barikumwe yisunze inama baherutse kugirana, kandi agaca ashikiriza ko SYMABU atari umwansi w’ubushikiranganji, ariko ari rifasha ubushikiranganji mu ntumbero yo gukorera neza abanyagihugu.

Ku bijanye n’ibihano vyofatirwa icegera c’umukuru wa SYMABU ku makosa yagirizwa cane cane ku bijanye n’ukuba yashikirije ivyo adafitiye uburenganzira, ndetse kandi kuba yarakoresheje ikidodo c’ishirahamwe yatwaye batabizi, kuri ivyo vyose umukuru wa SYMABU avuga ko bagiye gusoma amategeko ishirahamwe ryabo ryisunga hanyuma ibihano bijanye n’amakosa yagirizwa aje ahabona mu minsi yavuba.

Mu kurangiza, SYMABU yamenyesheje ko gushika uyu munsi yegereyegere izoba kw’igenekerezo rya cumi ice imara iyinga yose, ndetse kandi buri ukwezi iyo yegereyegere izokwama iba gushika umushikiranganji abatumeko kandi kugeza ibibazo vyabo bitorewe umuti.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.