Accueil > Amagara y’abantu > SYNAPA : Babangiriye ku ngingo yo guhagarika akazi
SYNAPA : Babangiriye ku ngingo yo guhagarika akazi
lundi 11 Munyonyo 2013
Abahurikiye muri sendika SYNAPA babaye barabangira ku ngingo bari bafashe yo guhagarika akazi kuri uyu wa mbere. Bahamagarira abahurikiye muri iyo sendika gutonda ku kazi uko bisanzwe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Munyonyo 2013, barindire ibiganiro bizobahuza na Reta mu minsi ibiri gusa kuwa 14 Munyonyo 2013.
Abarongoye sendika SYNAPA, mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 10 Munyonyo 2013, bahamagariye abakozi bose bahurikiye muri iyo sendika gutonda ku mirimo kuri uno munsi wa mbere, nk’uko bisanzwe, ivyo bakabishikiriza inyuma y’aho bari bagabishije ko bagiye guhagarika imirimo, mu gihe ivyo basaba ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida bitoba vyagiye mu ngiro.
Ku mvo y’uko Reta yemeye kugiranira ibiganiro n’abo bahurikiye muri sendika SYNAPA guhera ku musi wa kane igenekerezo rya 14 Munyonyo 2013, Melance Hakizimana asanzwe arongoye iyo sendika ahamagarira ahamagarira mbere n’abakozi bahurikiye muri sendika SYNAPA b’i Gihanga ko nabo bosubira ku mirimo, kuko nabo ibibazo vyabo bizokwirwa muri ivyo biganiro na Reta. Mwokwibuka ko abo bo muri sendika SYNAPA i Gihanga bari basanzwe bari muri yegereyegere. Yongeye ahamagarira n’abakozi bo muri sendika SYNAPA bo mu ntara ya Gitega nabo nyene ko bobangira gutanga igabisha ryo guhagarika akazi (Préavis de grève) bari bateguye, kuko ibibazo vyabo navyo nyene bigiye kwigwa.
Mwomenya ko abo muri sendika SYNAPA bari bagabishije ihagarikwa ry’akazi ku mvo y’uko bagiriza ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA ko bukora ibikorwa vyo kuburabuza abahurikiye muri iyo sendika mu kubarungika gukorera ahandi (mutation), mu zindi ntara, ivyo bigakorwa babahora gushaka kumenya ingene ubutunzi bw’amavuriro bakorerako bukoreshwa na rirya ari n’uburenganzira bwayo.
Floxella Karire