Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria : Umubonano i Geneve wo kwiga ivyasabwe n’igihugu c ‘uburusiya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria : Umubonano i Geneve wo kwiga ivyasabwe n’igihugu c ‘uburusiya

Syria : Umubonano i Geneve wo kwiga ivyasabwe n’igihugu c ‘uburusiya

jeudi 12 Nyakanga 2013

Ikibazo c’igihugu ca Syria kiriko kirirwa i Génève, John Kerry hamwe na Serguei Lavrov bariko barigira hamwe ivyasabwe n’igihugu c’Uburusiya aho gisaba ko ibrwanisho ruhonyanganda vy ‘igihugu ca Syria vyosangangurwa.

Kuri uwo mugambi werekanywe ku munsi w‘ejo, igenekerezo rya 11 Nyakanga 2013 aho werekanywe ku banyamerika. Kubw’ikinyamakuru c’aba rusiya kommersant, ni umugambi ufise intambuko canke ibice bine bikuru bikuru.

Iya mbere, ni uko igihugu ca Syria cemera kuja mu masezerano abuza gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda. Ayo masezerano akaba afise intambwe zine zine nyamukuru: iya mbere nI uko ibirwanisho ruhonyanganda vyose vyosangangurwa, gucungera uruganda rusanzwe rukora ibirwanisho ruhonyanganda, gufashanya n’amakungu kurwanya ivyo birwanisho hamwe no kugira imigenderanire n’amakungu kugira iyo migambi yose bayishire mu ngiro.

Igihugu ca Syria kandi gitegerezwa kuvuga aho cabitse ivyo birwanisho ruhonyanganda hamwe naho basanzwe babikorera. Damas, aho rero iriko irihutishwa cane n ’igihugu c’Uburusiya, bamenyesheje ko bemera kuvuga ububiko bw‘ivyo birwanisho ruhonyanganda aho buri. Intambwe igira gatatu yerekeye kwemerera abagenduzi b’iryo shirahamwe rigwanya ibirwanisho ruhonyanganda ko bokwinjira mu gihugu ca Syria kugira barabe ububiko hamwe naho basanzwe bakorera ivyo birwanisho.

Intambwe ya nyuma yerekeye gusigura neza ingene bazosangangura ivyo birwanisho ariko bahagarikiwe n‘amakungu. Ikindi kandi ni uko boraba ingene bazosangangura ivyo birwanisho, hamwe no kuraba isuzumwa rizokoreshwa kugira Damas ihebe gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda, ivyo rero akaba ari vyo bikuru bikuru mu biri mu mugambi watanzwe n’abarusiya kugira bugondoze ibihugu vyagomba gutera igihugu ca Syria.

Nk’uko yabishikirije mu kinyamakuru New York Times, mu kiganiro yatanze, Vladmir Poutine yagiriza abaroberi bo mu gihugu ca Syria kuba aribo batikije inganda igenekerezo rya 21 Myandagaro hafi y‘i Damas kugira ngo Leta zunzubumwe z’ Amerika ikore igitero ku gihugu ca Syria. Mu nyuma kandi yarerekanye ibintu vyoshika mu gihe igihugu ca Amerika kigize ibitero muri Syria, avuga ati igitero cose coba kitavuye mu mwumvikano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, vyoca bifatwa nkaho ari igikorwa c’iterabwoba.

Ivyo ahubwo vyotuma haza icuka kibi kijanye n’iterabwoba ivyo rero bigaca bituma inguvu zose zakoreshejwe mu kuronderera inyishu ikibazo co muri Irani, ikibazo n’ubu gihanze Israel na Palestina, n’ubu akaba ari ibibazo gushika iyi saha vyumvikanwako n’igihugu c’Uburusiya na Leta zunzubumwe z’Amerika.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.