Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syrie: Obama ahamagarira kwama biteguye kugira ico bagize mu mwumvikano (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syrie: Obama ahamagarira kwama biteguye kugira ico bagize mu mwumvikano (...)

Syrie: Obama ahamagarira kwama biteguye kugira ico bagize mu mwumvikano utokunda

samedi 14 Nyakanga 2013

Barak Obama, Umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, kukibazo c’ibirwanisho ruhonyanganda muri Siriya, ahamagarira abandi kuguma bagavye mu gihe imyumvikano itokunda, ariko ko boyiba ikibanza kinini imbere yo kugira ico bakoze muri Siriya.

Kukibazo ca Bachar al-Assad, umukuru wa w’igihugu ca Siriya, Barak Obama yavuze ko batofata ivyavuzwe na Assad be na Leta y’Uburusiya nk’ikintu gikenewe. Ati, hakenewe ibikorwa bibobena vyerekana ko Assad ashaka guheba gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara. Umunyamabanga wa Leta John Kerry n’umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya Serguei Lavrov kuri uno munsi wa gatandatu, bari mu nama igira gatatu i Geneve, mu gihugu c’Ubuswise kubijanye nico kibazo ca Siriya.

Obama ati: " kubera ko umugambi wo gusubiza ibirwanisho ruhonyanganda mu bubiko bwayo, Leta zunze ubumwe za Amerika ibanje gukoresha inguvu z’igisirikare cayo, tugiye kuguma kuri uwo mugambi nyene mu karere ka Siriya kugira barabe ko Assad hari ico yibwira mu gukora ivyo asabwa". Ubwo buryo nibutakunda naho, amakungu yiteguriye gukorana mu maguru masha kugira batorere hamwe inyishu ico kibazo kiraje ishinga ibihugu bitari bike kw’isi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.