Accueil > Amakuru > Mu makungu > Taiwan: Abarenga 50 bapfuye bahitanywe n’imbeho
Taiwan: Abarenga 50 bapfuye bahitanywe n’imbeho
lundi 25 Nzero 2016
Imbeho y’umurengera yatumye abantu barenga 50 bitaba Imana mu gihugu ca Taiwan ku mugabane wa Aziya,mu gice c’Ubuseruko.
Ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Taiwan bivuga ko abo bantu bapfuye,bahitanywe n’uko ibipimo vy’ubushuhe vyagabanutse gushika aho bamwe baca bahitanwa n’indwara y’umutima.
Ingenzi zirenga 60,000 vyanse ko zirenga mu gihugu ca Koreya y’Epfo kubera iyo mbeho.Iyo mbeho yatumye kandi ikibuga c’indege kiri mw’izinga rya Jeju, muri Koreya y’epfo, gicako ingenzi nyinshi cugarwa,ingendo z’indege zirahagarikwa.
Iyo mbeho yabangamiye cane ibihugu vya Hong Kong, Ubushinwa n’Ubuyapani. Ababangamiwe cane mu gihugu ca Taiwan ni abageze mu za bukuru baba mu buraruko nk’I Taipei, Kaohsiung na Taoyuan.
Henshi mu gihugu ca Taiwan, igipimo c’ubushuhe caramanutse gushika ku gipimo ca 4°C, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 24 Nzero 2016.
Kibaye igipimo ca mbere kibonetse kiri hasi cane mu myaka 60 iheze.
IGIHE
Messages
27 Nzero 2016, 19:55, par BARARENGANYA VENANT
NAKAMARAMAZA NO MUBURUNDI TUZA GUHONA
1er Ruhuhuma 2016, 17:30, par Rema
"Nibihangane Yesu Arababona!!"