Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tangara : Abanyagihugu ntibarajijuka mu kurima kijambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Tangara : Abanyagihugu ntibarajijuka mu kurima kijambere

Tangara : Abanyagihugu ntibarajijuka mu kurima kijambere

samedi 26 Ndamukiza 2014

Muri komine ya Tangara mu ntara ya Ngozi, abanyagihugu babeshejweho n’uburimyi n’ubworozi n’aho abanyagihugu bataramenya neza kurima kijambere nk’uko bivugwa na Gédéon Ntahokaja musitanteri w’iyo komine.

Musitanteri amenyesha ko igiterwa c’icayi arico gitunze abanyagihugu benshi. Ariko rero Gédéon Ntahokaja, avuga ko abo arongoye bibagora kurima kijambere, kuko n’ubu bakirima bakoresheje ubuhinga bwa kera. Ubwo buhinga nabwo bukaba butuma umwimbu utarwira. Iyo komine rero isanzwe iri mu Buraruko bw’igihugu, iratunzwe n’ubworozi bw’ibitungwa bitobito nk’uko Ntahokaja abandanya abimenya. Ivyo bitungwa bikaba bihari kugeza ku bice 90 kw’ijana.

Mukaba mwomenya ko mu mazone atanu agize iyo komine ya Tangara, bivugwa ko uburimyi kijambere atari ikirenga, ahubwo abarimyi baguma bizigitira ku burimyi bwa kera. Mu gihe abo barimyi bokwijukira kurima kijambere, kikaba kitobuza ko umwimbu urwira cane muri iyo komine.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.