Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzania: Abanyamahanga babayo bidakurikije amategeko bagiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzania: Abanyamahanga babayo bidakurikije amategeko bagiye (...)

Tanzania: Abanyamahanga babayo bidakurikije amategeko bagiye kwirukanwa

vendredi 8 Nzero 2016

Igihugu ca Tanzania catanguye isekeza ryo kurondera no gusubiza iwabo abantu bose baba muri ico gihugu badakurikije amategeko.

Icegera c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wa Tanzania, Hamad Masauni, yabwiye abamenyeshamakuru ko ico gikorwa gitanguye inyuma y’aho bibonekeye ko hari abantu benshi b’abanyamahanga bakora muri ico gihugu hadakurikijwe amategeko.

Ico gikorwa kandi gitanguye mu gihe hari haheze iminsi mike ubushikiranganji bw’akazi, busavye ko hoba harahagaritswe impusha zo gukora akazi muri ico gihugu vy’agateganyo.

Hamad Masauni yavuze ko Reta idashobora kuguma inumye mu gihe abakiri bato mu gihugu babura akazi, mu gihe akazi bokoze kaba kariko gakorwa n’abanyamahanga.

Uwujejwe gukurikirana abinjira n’abasohoka mu ntara ya Dar Es Salaam, John Msumile, yavuze ko bimirije gufata abanyamahanga bashika ku 350.

Kubiraba uruhusha rwo gukora akazi mu mwanya muto, Masauni yavuze ko Reta izotegura ukundi ruzoza rutangwa ku bantu bashaka gukora akazi mu mwanya muto.
Ivyo bishitse inyuma y’aho Reta ironkeye ibirego vyinshi kuri ico kibazo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.