Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzania : John Magufuli yategetse ifutwa ry’abakozi 2500
Tanzania : John Magufuli yategetse ifutwa ry’abakozi 2500
mercredi 16 Ntwarante 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Tanzania John Magufuli yategetse gufuta abakozi 2,500 bahembwa batabaho mu kazi ka Reta, avuga ko bahora batwara imishahara y’umuriyoni w’amadorare, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Citizen.
Iyi ni ingingo iherutse gufatwa n’umukuru w’igihugu Magufuli, yatowe mu mwaka uheze, akaba yiyemeje kugwanya igiturire muri Reta.
Yahaye ikiringo c’imisi 15 abategetsi bakuru, kuba bakuye abo bantu ku rutonde rw’abahembwa amahera ya Reta, canke abe aribo birukanwa.
"Nshaka iki gihugu gitere imbere. Amahera tuzokwegeranya tumaze gufuta abo bakozi batabaho, azokoreshwa mu guteza imbere abanyagihugu." , umukuru w’igihugu akaba ariko yabisiguye.
IGIHE
Messages
16 Ntwarante 2016, 19:59, par Intagoheka
Magufuri Ndagukeje Ariko Umenyeko Niwawe Basindumuja Bahari Kuko Ntukizere Umwana Wumuntu Kugira Ushike Kuntumbero Wiyemeje Utegerezwa Kubona Kure Kuko Ikidahinduka Nijambo Ryimana Gusa Kuko Nagode Yarahindutse Nkurunziza Nuko Igihugu Cahatowe Nabaryumyeko
17 Ntwarante 2016, 22:44, par mumoso.
uw omuk ukururu wa tanzaniya. g uko abasho meri baca biyo ngeza kandi. uko kw igu ngana akazi. nivyo bitera icuka kibi mubi hugu.
18 Ntwarante 2016, 12:07, par nikiza lewis
sawa sha magufuli
18 Ntwarante 2016, 12:08, par nikiza lewis
sawa sha magufuli