Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzania: Umukuru w’igihugu yirukanye umukuru w’ikigo kijejwe kurwanya (...)
Tanzania: Umukuru w’igihugu yirukanye umukuru w’ikigo kijejwe kurwanya igiturire
jeudi 17 Kigarama 2015
Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, John Magufuli,yirukanye uwahora arongoye ikigo kijejwe kurwanya igiturire mu gihugu (PCCB), Dr. Edward Hoseah.
Hejuru y’umukuru w’ikigo PCCB John Magufuli yakuye kandi abakozi bane bakora muri ico kigo.
Umukuru w’igihugu John Magufuli yavuze ko atumva ukuntu ico kigo kitashoboye gushira mu ngiro igikorwa cari kijejwe co kurwanya igiturire,gushika aho Reta ihomba amafaranga menshi bivuye ku giturire cibonekeje cane ku kivuko ca Dar es salaam.
Iradiyo y’abongereza BBC yamenyesheje ko umunyamabanga mukuru wa Reta, Ombeni Sefue, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu yagenye Valentino Mlowola nk’umukuru mfatakibanza w’ikigo c’igihugu kijejwe kurwanya igiturire.
Umukuru w’igihugu John Magufuli yasavye ko abandi bategetsi bane bakurwa mu mabanga yabo kuko bagiye hanze y’igihugu kandi ata mukozi wa Reta n’umwe arekuriwe kuja hanze,abo nabo bari bagiye ata ruhusha rw’umukuru w’igihugu canke rw’umunyamabanga wa Reta.
Mu minsi mike amaze ku butegetsi,John Magufuli amaze kwirukana bamwe mu bakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu,abakozi bo ku kivuko ca Dar es salaam hamwe n’abo mu kigo co kurwanya igiturire.
Van Naris Mugisha
Messages
17 Kigarama 2015, 18:53, par JAMES
KAZINIKAZITU,ESEWOBERAKAROREROKEZAMUBURUNDI
17 Kigarama 2015, 18:55, par JAMES
KAZINIKAZITU.ESEWOBERAKAROREROKEZA,ABARUNDI
17 Kigarama 2015, 21:00, par nizigiyimana eric rusengo
aragahora kungoma uyo.niwe mukuru wigihugu ashaka kugarukira kuribatoyi
17 Kigarama 2015, 21:01, par nizigiyimana eric rusengo
aragahora kungoma uyo.niwe mukuru wigihugu ashaka kugarukira kuribatoyi
18 Kigarama 2015, 04:38, par aime
Irambire mutama ukunda igihugu cawe kweri bahashe kuko iyu ubaretse bagakora uko bishakiye bavuga ngo leta ya magufuri ikora nabi
20 Kigarama 2015, 21:09, par Tony gilbert
Fukuzia kabi Mh Dr john bombe magufuriwe ndo rais bora unaefaa.laiti nchi ya BURUNDI ingekuwa na rais kama huyo,duh kusinge kuwa mzozo wa kisiasa.