Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya : Abafyitirizi barabangamiwe mu kwicwa baturiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Abafyitirizi barabangamiwe mu kwicwa baturiwe

Tanzaniya : Abafyitirizi barabangamiwe mu kwicwa baturiwe

jeudi 29 Nzero 2015

Abafyitirizi bo mu gihugu ca Tanzaniya ntiborohewe, aho abagera ku 765 aribo bagandaguwe riva mu mwaka w’2013, mu mwaka w’2014 naho bikavugwa ko habaye isekeza ryo kubaturira.

Muri ico gihugu kigizwe n’abantu bagera ku miriyoni 49 z’avbantu, ibice 93 kw’ijana vy’abo banyagihugu, baremera ibintazi. Bimwe mu birozi bikaba bigakoreshwa mu bihimba bimwe bimwe vy’abanyamwema, aho ibihimba vy’abo bantu bija kudandazwa mu bapfumu. Reta y’ico gihugu rero ikaba iriko iragerageza gutuza iyicwa ry’abanyamwema. Ku bwa Hana Mazoya umwe mu bafyitirizi, avuga ko bakwiye kugira amategeko abagenga, bakareka kwama bicwa, mu gihe we yemeza ko hari abakira bavuwe n’abo bapfumu. Uretse ko baturirirwa amazu, eka iyo bafashwe bakaba nabone baturirwa, bagapfa bariko barasha.

Paul Mikongoti ari mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu aho muri Tanzaniya, akavuga ko naho Reta iriko irakora ibishoboka vyose kugira ikingire banyamwema, hakiri igikorwa kini mu gihe bamwe mu batanzaniya babona ko igihimba c’umunyamwema ari nk’ubutunzi. Akavuga ko kugeza ubu abagirizwa uburozi bamaze gupfa ari benshi, ahubwo binagoye n’ukumenya igitigiri cabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.