Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya : Abagore 12 bagirizwa guca abigeme bimwe mu bihimba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Abagore 12 bagirizwa guca abigeme bimwe mu bihimba (...)

Tanzaniya : Abagore 12 bagirizwa guca abigeme bimwe mu bihimba vy’igitsina

jeudi 19 Kigarama 2013

Abagore 12 bitavye sentare mu gihugu ca Tanzaniya mu ntara ya Kilimanjaro, mu gihe bagirizwa guhohotera bamwe mu bana b’abigeme, mu kubaca bimwe mu bihimba bigize igitsina cabo bana.

Abo bagore rero baregwa ivyo bakaba babirahira ko atavyo bakoze, ariko bamwe mu bana b’imyaka itatu baciwe bimwe muri ivyo bihimba vy’igitsina, bakaba baravuwe n’abaganga. Ivyo guca bimwe mu bihimba vy’igitsina c’abigeme canke abagore, bikaba vyahebwe na Reta ya Tanzaniya kuva mu mwaka w’1998, iyo ngingo ikaba yari yafashwe mu ntumbero yo gukingira amagara y’abagore n’abana b’abigeme, eka ndetse Reta ya Tanzaniya ikaba yari yafashe ingingo ko ivyo guca bimwe mu bihimba bigize igitsina c’abagore bitosubira kuvurwa, nayo uwohirahiriye akabirengako, akaba yategerezwa guhanwa n’amategeko.

Urubanza rw’abo bagore rero bagirizwa kuba bakibandanya imico yo guca bimwe mu bihimba vy’abana b’abakobwa, rukaba rwungururijwe kw’igenekerezo rya 30 Kigarama. Hamwe abo bagore cumi na babiri bokwagirwa n’icaha, boca bakatirwa gutanga ihadabu, canke gupfungwa imyaka igera kuri itanu. Umuco wo guca bimwe muri ivyo bihimba vy’irondoka vy’abakenyezi ukaba ukomeye mu ntara ya Kilimanjaro, aho bisa n’ukwo vyanse gutuzwa burundu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.