Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Abantu 7 baturiwe babona bagirizwa uburozi
Tanzaniya : Abantu 7 baturiwe babona bagirizwa uburozi
samedi 11 Gitugutu 2014
Abantu bagera ku ndwi nibo baturiwe babona mu gihugu ca Tanzaniya, abo banyagihugu bakaba baturiwe bagirizwa kuba ari abarozi.
Umukuru w’igiporisi w’i Kigoma Jafari Mohamed avuga ko hafashwe abagera kuri 23 b’abarozi hamwe n’abapfumu. Abo bose bakaba bategerezwa kwitaba kuri uyu wa gatanu. Umwe mu bana batuririwe incuti aho muri ico gihugu ca Tanzaniya, yabariye ikinyamakuru Mwananchi ko yasanze nyina yatuririwe hafi y’imetero 10 z’aho yahora aba, nayo se aca aturirirwa mu nzu babamwo. Muri abo baturiwe benshi bakaba barenza imyaka 60 y’amavuko.
Amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muri ico gihugu akaba avuga ko kuva mu mwaka w’2005 kugeza mu mwaka w’2011 bishwe bagirijwe kuba abarozi. Abo bicwa ahanini akaba ari abakenyezi usanga bageze mu zabukuru.
Abo banyagihugu baturiwe ndetse n’amazu yabo akadomekwa, bikaba vyakozwe imbere y’ishengero ry’abantu, ku rubibe Tanzaniya ihana n’Uburundi.
Aristide Nizigire
Messages
11 Gitugutu 2014, 14:10, par Djuma
aba bantu bakoze ibikorwa vya bunya maswa bakwiriwe gukurikiranwa baka bibazwa ivyo bakoze
11 Gitugutu 2014, 22:03
Abo ban2 naho bavugwako uburozi ntibari k8cwa baturiw! mbega nkurya mun2 yatuririw se na nyina umwe bakamu2ririra kuri 10m hafi yaho aba uwun2 bamuturirira mu nzu abamwo, wumva kubwaw ari abavyeyi bawe intuntu n’agahinda vyo guturirigwa abakwibaruts ukanura vyozimana muri wew? haaa kubwanj bari gupfuma bapfungwa ubuzima bwabo bwose!
9 Mukakaro 2018, 05:50, par Ndikumagenge felix
Bagenzi banje babatanzaniya kweli komwica ururupfu ruteye ubwoba nagahinda kumusi wiherezo abica nkuko bobo ntibazohava bageregwa ibikwiranye nivyo bakoze? Nindikumagenge felix burundi