Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya: Abantu batatu barapfuye bahitanywe na Cholera
Tanzaniya: Abantu batatu barapfuye bahitanywe na Cholera
mercredi 19 Myandagaro 2015
Abantu batatu nibo bamaze kwitaba Imana mu gisagara ca Dar Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya,bahitanywe n’indwara ya Cholera.
Inzego zijejwe amagara y’abantu zimenyesha ko ico kiza catewe n’isuku rike n’uburyo budakwiye bwo gutunganya imyanda iva mu mazu y’abantu mu duce dubamwo abantu benshi muri ico gisagara.
Ibintu vyatanguye kumenyekana cane igihe umugore w’imyaka 27 yitaba Imana , ku munsi wa tandatu igenekerezo rya 15 Myandagaro 2015.Dar es salaam isanzwe ibamwo abantu bashika imiliyoni zitanu.
Abantu baba mu mazu yubatse mu buryo budakurikije amategeko,nibo babangamirwa nico kiza aho usanga ata buryo buhari bwo gucira inzira imicafu iva mu mazu.
Van Naris Mugisha
Messages
19 Myandagaro 2015, 20:51, par Young man
NONE ABAGANGA B’ISUKU BAJEJWE IKI?NI BATUZE ABANTU BATAGIRA ISUKU