Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Abanyamwema babandanya guhakwa kugandagurwa
Tanzaniya : Abanyamwema babandanya guhakwa kugandagurwa
samedi 6 Ruheshi 2015
Umutanzaniya umwe ku bantu ibihumbi 14, aravuka ari umunyamwema, muri ico gihugu abanyamwema kandi bakaba babangamiwe cane.
Abantu umunani rero bakaba aribo barengutse mu bungane, bagiye ku bazwa ku caha c’uguca kimwe mu bihimba bigize umubiri ku munyamwema. Umugore w’imyaka 30 yitwa Remi Luchoma afise abana bane, yaratewe mu kwezi kwa Rusama guheze, aho yaciwe kimwe mu bihimba, ubu ariko aravurwa. Abafashwe bose bararahira ico caha, ubu bakaba babaye barahabwa ukwidegemvya, ariko bagategerezwa kuzosubira kurengutswa ku wa 15 Mukakaro, uwu mwaka.
Ku va mu mwaka w’2000, abanyamwema batari mu nsi ya 76 baramaze kwicwa, abandi nabo baramaze guhakwa, n’abandi bahungiye ku giporisi kugutinya kwicwa. Ivyo bihimba vyabo, bikaba bijanwa mu bapfumu, canke abarozi.
Aristide Nizigire
Messages
6 Ruheshi 2015, 15:57, par Délicia
Mungu wee!emwe ntaho ingoranezitari.amareta nakorane ahasheyivuyinyuma izonkozizikibi uwuzagirwanicaha bamubambekugiti ibisigabimuzuramaso.
7 Ruheshi 2015, 17:26, par Igiraneza Erick
Babareke kuko nabo na banu sibo bilemwe