Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Biteze kwicwa inyuma y’aho bagandaguriye umunyamwema
Tanzaniya : Biteze kwicwa inyuma y’aho bagandaguriye umunyamwema
vendredi 6 Ntwarante 2015
Sentare yo mu Buraruko bw’igihugu ca Tanzaniya, yaciriye urubanza rw’ukwicwa abantu bane, bagirwa n’ukwica bunyamaswa umugore w’umunyamwema.
Sentare nkuru y’i Mwanza mu gihugu ca Tanzaniya, ikaba yaciriye urubanza abo bagabo bane, kubera ko bishe umukenyezi w’umunyamwema, mu mwaka w’2008. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rikavuga ko abantu b’abema barenga kuri 70, aribo bishwe mu mwaka w’2000, aho bicwa bamaze gutwarwa bimwe mu bihimba, ivyo navyo, bikaba vyaca bigurishwa amadolare agera ku 600 y’Amerika.
Abarozi n’abapdfumu bo muri ico gihugu ca Tanzaniya, bakaba bagirwa rwose n’abanyagihugu, ko aribo batuma ivyo bihimba, ku bw’imvo zabo z’ibirozi n’ibindi bintazi bitandukanye. Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete, akaba amaze kugabisha akatari gake abo bica abanyamwema, ariko bikaba vyaranse guhera. Avuga ko hari n’abandi bagera kuri 13, barindiriye igihano c’ukwicwa, inyuma y’aho nabone bagirijwe ko bagandaguye umunyamwema, bamuronderako bimwe mu bihimba vyiwe.
Aristide Nizigire
Messages
6 Ntwarante 2015, 20:11, par narambejacques
Nivyo nabobishe nibiremwa vyaremwe ikirenge mukindi!
6 Ntwarante 2015, 22:13, par Bigirindavyi Emmanuel
Nimubice kmugaragaro hagati yabantu isinzi kugira nejo canke hiryayejJo ntibizisubIre
7 Ntwarante 2015, 14:51, par Muvunyi leonce
Iyo baja ni ngara gutohoza abagize ikimuga nyamweru murwanza mumwaka uheze
7 Ntwarante 2015, 17:07, par Leonce
Iyaba mukubica bokoresheje bonyene babiri bakabanza kwica bagenzibabo kandi bakabicisha kirya bakoresheje mukwica banyamweru hanyuma abo babiri basigaye bakabasifura nabo bakicana ubwabo