Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya : Umushikirizamanza mukuru yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Umushikirizamanza mukuru yatanze imihoho

Tanzaniya : Umushikirizamanza mukuru yatanze imihoho

mercredi 17 Kigarama 2014

Umushikirizamanza mukuru muri Tanzania Frederick Werema yatanze imihoho, akaba abaye uwa mbere ahitanywe n’amadosiye y’ibiturire vyavuzwe muri Reta.

Abashingamateka mu kwezi guheze bamwagirije kuba ariwe yatanze uruhusha rwo guha amafaranga ashika imiriyoni 120 z’amadorari, ishirahamwe rikora mu vy’amasoko ntanganguvu. Uwo mushikirazamanza arahakana kuba hari icaha yakoze ariko akaba yatanze imihoho kubera izo mpari ’’zononye icuka ca politike mu gihugu’’, nk’uko bishikirizwa mw’itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Ivyo biturire vyavuzwe ku bategetsi ba Tanzania vyatumye abafasha ico gihugu bahagarika imfashanyo zabo. Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete yashitse ku butegetsi mu mwaka w’ 2005 avuga ko aje kurwanya ibiturire muri leta ariko abamunegura bavuga ko ivyo yiyemeje atabishitseko.

Inama nshingamateka ya Tanzaniya irimwo ahanini abo mu mugambwe CCM uri ku butegetsi bemeje ingingo mu kwezi guheze imusaba gukura Warema.
Inama nshingamateka yanasavye kandi gukura umushikiranganji wa mbere Mizengo Pinda , umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu Sospeter Muhongo hamwe n’abandi bategetsi bakomeye. Abategetsi bose n’ayo mashirahamwe avugwa muri ivyo biturire bose barahakana ko ata kabi bariko.

Itohoza ryakozwe n’umurwi w’inama nshingamateka ryasanze imiliyoni 120 z’ama faranga ya leta yararishwe ishirahamwe rikora mu vy’amasoko ntanganguvu mu nyuma aca ahabwa abashikiranganji bo muri Reta. Iyo konte yakoreshwa n’ikigo ca Reta gitanga umuyagankuba Tanesco gifatanije n’ishirahamwe ryigenga ryimbura umuyagankuba IPLT.

Ayo mafaranga yarungitswe kw’i konti ya nyene IPTL Pan Africa Power(PAP) mu 2013. PAP yavuze ko uburyo ayo mafaranga yatanzwe bwari buhuye n’amategeko.
Umugwi w’abafasha Tanzania 12 harimwo Ubuyapani, Ubwongereza, Banki y’isi na Banki y’Iterambere ya Africa baciye bafata ingingo mu kwezi kw’icumi yo kuba barabangiriye ku mafaranga ashika imiriyoni 490 z’ama dorari bari guha Tanzania, kubera ivyo biturire vyavugwa.


Floxella Karire

Messages

  • Uwo we yiyumvira gutanga imihoho ni umushingantahe .abagabo ba Nkurunziza aho gukurwa nyene co ahubwo Nkuru arabashimira kuko babaye rurangiranwa mukurya ibiturire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.