Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Tanzaniya: Umwana w’imyaka 16 yazutse
Tanzaniya: Umwana w’imyaka 16 yazutse
mercredi 9 Gitugutu 2013
Umuhungu w’imyaka 16 azwi kw’izina rya Shaaban Maulid yari yitavye Imana mu mwaka wa 2011 ndetse aranahambwa umuryango wiwe wagiye ubona abatuye ko amaguru kandi ari muzima.
Nk’uko ikinyamakuru GPR cabimenyesheje , kuzuka k’uyo mwana Shaaban Maulid vyatangaje abantu benshi ndetse bamwe kugeza ubu banse kwemera ko uyu mwana yazutse ari we mbere bamwe bariko bibaza ko yoba ari umuzimu wiwe Atari we yoba yagarutse mu muryango .

Shaaban Maulid yitabye Imana muri Mutarama 2011, ku itariki ya 30 Nyakanga 2013 niho yagiye ahabona mu muryango wiwe yambaye nk’uko bamushinguye yambaye. Umuryango wa Shaaban Maulid ukimubona wagize ikibazo gikomeye co kwemera ko uyu mwana ari we koko . Akigera mu muryango wiwe, yabanje kunanirwa kuvuga ndetse nta kintu na kimwe yafungura ,ariko uko bagiye bamufata nk’umuntu, bakamuganiriza vyamugaruye umutima wo kuvuga nk’abantu basanzwe.
Kubera uburyo benshi banse kwemera ko uyu mwana yazutse vy’ukuri, basabye igipolisi n’izindi nzego zishinzwe umutekano muri Tanzania ko botegeka abantu babana n’aho uwo mwana yashinguwe bakimba aho bamuhamvye kugira ngo bemeze neza ko uyu mwana yazutse koko.

Polisi imaze kwumva ivyo aba banyagihugu bashaka ko bokwimba bakirabira neza ko mu mva atakirimwo , yategetse abantu ko bacukura ahantu hashinguwe uwo mwana muri 2011 bararaba niba koko umubiri wiwe utakirimwo nk’uko bawushizemwo.
Bamaze kwimba , basanze mu kinogo hasi harimwo ikibindi kinini kirimwo igufa ridasanzwe ritari iry’abantu . Umubiri wa Shaaban Maulid ntibawusanze mu mva bamushinguyemwo mu mwaka wa 2011. Bamwe bamaze kubona ko umubiri w’uyu mwana atawurimwo baciye bavyemera ko yazutse ariko hari hari n’abandi banze kwemera ko Shaaban yoba yazutse

Floxella Karire
Messages
16 Rusama 2016, 11:02, par Enock
Jew Iyonkuru Nuko Sanz Bagiy Guhamba Ubindi Urimwo Igufa Umwana Naw Babanje Kumuhisha