Accueil > Amakuru > Ubutungane > Tasiyano Sibomana yarekuwe inyuma y’iminsi itanu apfunzwe
Tasiyano Sibomana yarekuwe inyuma y’iminsi itanu apfunzwe
jeudi 20 Ruhuhuma 2014
Inyuma y’aho Tasiyano Sibomana afatiwe agatabwa muri yompi yagirizwa gutera umudugararo mu gihugu, kugarariza hamwe n’ukugumuka, yahavuye arekurwa ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa kane.
Kuva ku munsi wa kabiri gushika kuri uwu wa kane igenekerezo rya 20 Ruhuhuma, vyagumye bivugwwa ko ashobora kwungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba niho vyavugwa ko ashobora kujanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Uwo mudasigana ari muri komite nkuru y’umugambwe UPRONA yarekuwe yari amaze iminsi itanu apfungiwe muri BSR. Umukuru wa sentare nkuru yo mu gisagara ca Bujumbura akaba ariwe yafashe ingingo ko arekurwa, bikavugwa ko batashoboye kuronka ivyagirizi bikwiye vyemeza ivyaha akurikiranwako.
Abamuburanira na bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu, bakaba batari bahengeshanije gusaba ko uwo munyaporitike yorekurwa, kuko atakindi yoba yariko arazira atari imvo za poritike, na rirya yafashwe agaca yagirizwa ivyaha vyakorewe ku Mugumya, kandi atigeze ahashika kuri uwo munsi bamufata.
Aristide Nizigire
Messages
20 Ruhuhuma 2014, 20:09, par Edouard
Ni vyiza ko arekuwe erega ntaco yazira, abarundi dukwiye kumenya twese intambuko za democratie ntitwemere gusubira mu ntwaro z’agasumiranyo.
20 Ruhuhuma 2014, 21:01, par john
ABA Tutsi oyeee.
Erega ABA DD bari bibajije Ngo numu Hutu. Uyo SI Rwasa, Hussein, Frederick, canke barya bahutu muta mumbuto bagagerayo, uyo numwana wumututsi.
20 Ruhuhuma 2014, 21:20, par GIRAMAHORO
Turashimye koyafunguwe,ako kari akagohe bamuvuniye,kugira ntazosubire kwigumura no kugumura abandi,ico nomuhanura,urabona tasiyono kuhumuye,ndagusavye kwifatanya natwebwe abarundi benshi,mukwipakiza mundege yitwa UBURUNDI,umushoferi PRESIDANT NKURUNZIZA,iyo ndege iriko ija VISION20-25,ifise amapine3,UMUTWA,UMUHUTU,UMUTUTSI,Reserve Umuganwa ritemegwa neza ko rikomeye,idafisayomapine,ntihaguruka ngwiguruke.igurutse naho ntiyokwururuka,volant ni CONSTITUTION,Abafasha biyi ndege nabakuru bimigambwe bose,muga uwuriko arakora tugashima twebwe abarundi nkabose murirusangi n,UMUFASONI Concilia,natgwe iteka,ahanini ryahora ritegwa Abagabo bonyene muri iprona,abandi bakozi biyo ndege nitwe turi munzego zitandukanye z,IGIHUGU.abipakije nabarundi twese.iconorangirizako mpanura abaporona,icara hamwe abahora kumugumya nabo kwamukasi namanwangari na MADAME concilia afadikanije na NIYOYANKANA.mutore inzego nsha,ariko.abo GASUTWA,NIYOYANK-,MANWANGA-,NGAYIMPENDA,YVS,TASIEN,abobose bamazigihe bagorana mumugambwe wagwagasore ntihazogire numwe yitoza,ahubwo haramukiwe abo bakenyezi nabo bawurongore,ariko namwabagabo mudakumiriwe.iyo nimpanuro ndabahaye nkumukunzi wanyu,ariko ntari mumigambwe yanyu.jewe Ndigenga,
20 Ruhuhuma 2014, 22:20, par sabushimike
banse kumurekura abagabo babona kuko yari yakubaguwe bikwiye.
20 Ruhuhuma 2014, 23:18, par Rukundo
ndavye ivyo mwanditse munteye agahinda.kuko kahise ntaco kabigishije muracari hahandi.haye amadege nibindi ushaka ariko nta kibuga cayo kiri mu kirere.Mwihaya ngo banaka nabanaka ngo baratekereje .Ivy’Imana vyerera igihe ntivyerera inzara har’igihe uruhigi rwohindukira ugatangara
21 Ruhuhuma 2014, 00:18, par gahutu
komera kwibanga mushingantahe tasiyano
21 Ruhuhuma 2014, 08:14, par haha
Giramahoro,urakwiye gukeburwa ntuzi ico uvuga ,uvuga irinitswe n’impemu!
Mbe wigire imamba hakiri abantu?mbe abo wita abarundi benshi uvugira ni bande?uri ikijuju uvuga ahagera izuru ryawe gusa!uzotangara rindira!Mbe 1993, mu matora wari bwavuke?uri ikigavyi koko?Urya yarafise abantu benshi yaronse amajwi angahe!Wait and see!
21 Ruhuhuma 2014, 10:21, par GIRAMAHORO
Wewe wiyise HAHA na JOHN.ntasoni,ivyo mwiyunvira,muriko muhaya amazuru n,ubwoko,wewe ufise rirerire canke rigufi ntiricamwo igiseru,urasonza canke unyotegwe,canke ukenye,NGURYIKOREKO,mwebwe muriko mukokeza intambara gusa,ariko mwebwe ntayo mushoboye kugwana,kiretse abo mugomba gukwegera akarambaraye konyene,mwebwe muri IBITO,mushoboye kugwana iyi ntambara yukwandika amanyembwa yanyu,nayo iyamasasu siyiwanyu,inyifato yanyu musumbwa nabana barerewe mwibarabara,barundi bobo barisoneye kurusha mwebwe,yabamwari muziko intambara ihitana umwansi n,umukunzi,ntanumutaru muzodutarukana,nogucirumugani ko INKUBISI Y,UMWANDA(Amazirantoke)IYITARUKIRIZAKO.namwe nimuyakubite mwibonereko.CIRA BIRARURA,aho harikera utaravuka wewe HAHA na JOHN nabo bandi mwiyunvira ukogo.
21 Ruhuhuma 2014, 12:32, par Ikunduburundi
Giramahoro uri ikijuju cane cane!!!ndumva ntoronka nico kwita kuko urikiburirane!!urikirofa nyene nka ba DD ntagitangaje!!!sinarinzi ko kubura ubwenge bigezaho bibaho kumuntu azi nokwandika!!urakabura amahoro nkurwanko ninzara muriko murateza Uburundi nabarundi mwa ba DD.Imana irahari on verra ihora ihoze
21 Ruhuhuma 2014, 14:57, par kamwenubusa
uyu GIRAMAHORO kenshi ndanka no guta umwanya ndamusubiza ariko ubu ngire ndamusubize. wewe uri umunyi gusa niyo contribution uha igihugu cakwibarutse, maze iminsi nsoma commentaires zawe agahinda kakanyica kubona umuntu yiyumvira nkawe muri 2014, hewe NDADAYE yagandaguwe adafise popularité mu bahutu???? havyarimana wo mu rwanda yarashwe adafise surpopularité mu bahutu??? nawe rero urahimvye none uriko uradahwa ngaha kurubuga. uwaguhaye akazi niwe yahemutse.
22 Ruhuhuma 2014, 04:38, par HAHA
Giramahoro,kiretse gucira inkonda ntakintu nakimwe ushoboye!ko twoba dukenye, sinzi ko dukenye umutima wokwiba nkawe nayo ibidutunga n’ivyo tugufashisha kugira uhembwe turabifise!ivyo kurwano navyo naho ntakuzi ntaco mvuze!Wewe uvuga irisunitwe n’impwemu kuk waba umuhutu yaba umututsi ntawe uvugira uvugira ico kinogo cawe c’inda!muri maze umusezi avuga n’iryo sebuja atamutumye reka kutwononera igihugu mwanjavyi mwe!!Je ndemera abategeka bose kiretse abasezi nkawe basengana abanyacubahiro nkaba wadondaguye utabarisha wamukoshiwe!!!
22 Ruhuhuma 2014, 07:48, par PASCAL
Mr Giramahoro ,ivyo wanditse le 20.02.2014 a 21:20 urakwiye kubisabira ikigogwa abarundi bose hamwe n’abakoresha uwu murongo.Tuvyize neza wangitse imvugo iturira kandi akangurira inzankano hagati y’amoko mu Burundi ikongera igahamagarira intambara mu bose rimwe!
Werekanye ko wanyuzwe n’umugera mubi w’amacakubiri abaguhanuye nabo nk’uwo Haha wamwise ubwoko aho kwumva ico akubwiye.Mbe ni kuki bamwe baguma bagaruka kuri ayo majombo yawe?Ivuga inkoho,amoko,imigambwe vyerekana ko un homme dangereux ennemi de la paix de tout burundais!
22 Ruhuhuma 2014, 11:15, par gaga
Jew nohanura Bantu mwese mwandika ivyiyumviro vyanyu nobasaba kudahaya inguvu ubwoko umugambw ngwino duhay ibikorwa kuko ubwicanyi ubugung ntaho buzodushikana non kotwes twabuz kubwintambara mwumva umugabo arinde ehe UMUTWA UMUHUTU UMUTUTSI bos barashw barapfa nobasaba kwitonda kuko abanyagihugu turabona ibiba
22 Ruhuhuma 2014, 12:58, par gahutu
abo bavuga ivyamoko nobatuka noba ndenze akarimbi..imana ibaharire kuko bataz ico bakora