Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tchad : Abamenyeshamakuru babiri baciriwe umunyororo w’imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Tchad : Abamenyeshamakuru babiri baciriwe umunyororo w’imyaka (...)

Tchad : Abamenyeshamakuru babiri baciriwe umunyororo w’imyaka itatu

mardi 20 Myandagaro 2013

Umumenyeshamakuru Eric Topona hamwe na Jean Laokole yandika ku muhora ngurukanabumenyi bamwe bita aba blogueur baraciriwe urubanza kuri uno wa mbere igenekerezo rya 19 Myandagaro. Abo bagabo uko ari babiri baciriwe umunyororo w’imyaka itatu imyaka 3 bagirizwa kuba bafatanije kurementaniriza umukuru w’igihugu Idriss Deby Into.

Umumenyeshamakuru Eric Topona hamwe na mugenzi we bahowe gutyoza hamwe no kwambika ibara, aho bari bashatse guhamagarira abanyagihugu gukora imyiyerekano babicishije mu butumwa buca ku mihora ngurukanabumenyi (blog).
Abo bagirizwa icaha bakaba bahakana ivyo bagirizwa. Inyuma y’urwo rubanza, umwe mu bashingwamanza babo, Pierre Mialengar akaba yamenyesheje ko bagiye kwunguruza.
Uwo yahoze ari umumenyeshamakuru ku nsamirizi y’igihuguy akongera akaba n’umunyamabanga mukuru mu runani rw’abamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Tchad (UJT ), Eric Topona akaba yari yarigeze gufungwa mu kwezi kwa Rusama igenekerezo rya 6 uyu mwaka turimwo. Imbere y’uko apfungwa, hari abandi bamenyeshamakuru bandi bapfuye.
Jean Etienne Laokole, we akaba yari yarapfunzwe igenekerezo rya 22 Ntwarante.

Kubw’ishirahamwe Reporter Sans Frontière, abo abamenyeshamakuru bariko bararenganwa kuko ntaco barementanirije umukuru w’igihugu


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.