Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tchad : Abasirikare bavuye muri Centrafrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tchad : Abasirikare bavuye muri Centrafrika

Tchad : Abasirikare bavuye muri Centrafrika

lundi 14 Ndamukiza 2014

Abasirikare b’igihugu ca Tchad bariko barava mu gihugu ca Centrarfrika nk’uko bari babivuze, kuva aho bagirijwe gucucagira amasasu mu banyagihugu.

Abasirikare b’igihugu ca Tchad rero bakaba bariko barava muri ico gihugu mu gihe bariko barafashanya n’abandi basirikare bahurikiye muri MISCA, mu ntumbero yo gufasha ico gihugu kuronka amahoro, nk’uko bivugwa na général Martin Tumenta Chomu atwara abasirikare ba MISCA. Mu gihe abo basirikare ba Tchad bagiye, igihugu ca Centrafrika gica gihomba abasirikare bashika kuri 850, bari basanzwe bacungereye uturere two mu Buraruko nka Bossangoa, Bouca, Batangafo, Kaga Bandoro, Ndélé, Kabo na Dekoa.

Général Tumenta Chomu, akaba asaba ko abo basirikare bosubirizwa mu maguru masha, kugira ubwo burere ntibuhave bwigarurirwa n’inkozi z’ikibi. Ariko akaba avuga ko ivyo bizokunda bivanye n’uko ibihugu bisanzwe biriko birafasha ico gihugu ca Centrafrika bibifashe, canke ikindi gihugu carico cose.

Abasirikare b’igihugu ca Tchad rero bariko basubira iwabo, bikaba vyitezwe ko bazakirwa mu gihugu iwabo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ndamukiza uyu mwaka, mu Bumanuko bwa Tchad nk’uko bivugwa na Hassan Sylla umushikiranganji wo kumenyesha amakuru muri ico gihugu. Abo basirikare bakazoca basubira mu makambi bari baje bavamwo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abo barakabona batashe kuko Umugabo atavug’ukuri yoz’urubanza ruheze ko bagiye guhengamira kubwoko bumwe nka ANYANGA ONYANGA yahengamiye kubahima non’amakungu yooose arikw’aramuter’ivyatsi

  • Ntucubuvatiranya ivyiburundi ntahobihuriye nabirya uyomugabo wifatiramugahanga ivyavuga sukuri?komutamubeshuza muvyegeranyo yasohoye ngabatutsi ashigikira?abahutu badasiba kunigagurwa nikuvuga kutabibona?harigihe nawe woshikirwa nimba nawe bitakubabaza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.