IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Tchad: Hissène Habré yagirizwa kwica abantu ibihumbi 40

Tchad: Hissène Habré yagirizwa kwica abantu ibihumbi 40

lundi 1er Mukakaro 2013

Hissène Habré yahoze ari umukuru w ‘igihugu ca Tchad yatawe muri yompi n’igihugu ca Senegal aho yagirizwa ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu akaba agiye gushikirizwa ubutungane aho muri Senegal.

Habré yafashwe ku w’Imana igenekerezo rya 30 Ruheshi 2013 i Dakar mu gihugu ca Senegal aho yari amaze imyaka igera kuri 23 yarahungiyeyo. Ibiro ntaramakuru vy’Ubufaransa (AFP) bimenyesha ko Habré yafatiwe muri ico gihugu n’abapolisi, aho yari yarahungiye mu mu gisagara ca Dakar ajanwa ahantu hatazwi.
Hissène Habré yahungiye muri Sénégal kuva mu mwaka w’ i 1990. Umukuru w’igihugu ca Senegal muri iki gihe ariwe Macky Sall, aho ashikiye ku butegetsi mu 2012 yatangaje ko ico ashize imbere ari uko Habré yofatwa agashikirizwa ubutungane.

Umukuru w’igihugu ca Letazunzubumwe za Amerika Barack Obama igihe yagendera Senegal kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2013, yashimiye mugenzi wiwe Macky kuba yarashizeko ubucamanza bujejwe kumuburanisha kumugaragaro kuva muri Ruhuhuma 2013. Habré yarongoye Tchad kuva mu 1982 gushika 1990 amaze gukora "coup d’état », akura k’ubutegetsi Goukouni Oueddei. Ivyaha yagirizwa harimwo gukekwako urupfu rw’abantu ibihumbi 40 mu mwaka w’1990 mbere y’uko aja ku butegetsi , akekwako kugira uruhara mw’ iyicwa ry’abafungwa 300 inyuma yo gucibwa igihano c’urupfu.

Mu mwaka 1992 inyuma yo kuba umukuru w’igihugu, hafashwe ivyobo vyinshi nko ku birometero 25 vy’umurwa mukuru w’igihugu ca Tchad. Igenekerezo 15 Myandagaro 2008 yaciriwe urubanza rw’urupfu n’ubutungane bwo muri muri Tchad, igihano kitashizwe mu ngiro ubu rero hashizweho Sentare ijejwe kumuburanisha muri Senegal.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.