Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Texas: Uruganda rw’ifumbire rwaturitse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Texas: Uruganda rw’ifumbire rwaturitse

Texas: Uruganda rw’ifumbire rwaturitse

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Igipolisi kiravuga ko abantu bagera kuri 15 bapfuye naho abarenga 160 bagakomereka igihe igisasu caturika cane mw’ihinguriro rikora ifumbire riri hafi y’igisagara ca Waco muri Leta ya Texas.

Amazu angana atari make yanonekaye naho ayandi menshi arasha inyuma yaho igisasu giturikiye mw’ishirahamwe rikora ifumbire rya West Fertilizer.
Igipolisi kiravuga ko ata kimenyetso kirabona cerekana ko umuriro wacanywe n’umuntu yabikoze ku bushake.

Inzego z’ugutabara ziravuga ko gaze yitwa ammonia ariyo ishobora kuba ariyo yatumye ico gisasu giturika muri iryo hinguriro.
Hari amakuru avuga kandi ko muri iryo hinguriro hari itoni 20 z’iyo gaze yo mu bwoko bwa ammonia.

Igipolisi kiramenyesha ko kimwe ca kabiri c’abanyagihugu baba aho vyabereye babaye barahava kubera impungenge ko hashobora kugira ibindi bintu biturika canke bagahava bahema gaze ishobora kwica abantu.
Iryo hinguriro rero rikaba riri ku nkengera z’igisagara gito co mu Burengero, hakaba hariho ishure be n’ikigo c’abageze mu zabukuru biri aho hafi y’iryo hinguriro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.