Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
« The ServiceMag » : Ikinyamakuru gishasha mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > « The ServiceMag » : Ikinyamakuru gishasha mu Burundi

« The ServiceMag » : Ikinyamakuru gishasha mu Burundi

mercredi 26 Ntwarante 2014

Ikinyamakuru cishinze gutanga inyigisho no guhimiriza ku bijanye n’iyakirwa ry’abakiriya mu buzi catangujwe icese mu Burundi. Inyuma y’imyaka ine yuzuye neza gikorera mu gihugu c’Urwanda, « The ServiceMag » kije gukorana n’amashirahamwe n’amahinguriro n’ubundi buzi.

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ntwarante 2014, ikinyamakuru The ServiceMag caratangujwe icese mu gihugu c’Uburundi. Ico kinyamakuru gitangwa ku buntu, kigasohoka mu mpapuro rimwe mu mezi atatu. Inkuru ziri muri The ServiceMag zikaba zose zerekeye uko igikorwa co kwakira abakiriya mu mashirahamwe n’amahinguriro vyifashe, uko vyogenda, ivyohindurwa n’ibindi.

Nkuko tubimenyeshwa n’uwurongoye ico kimenyeshamakuru, umufasoni Sandra Idossou, ikinyamakuru The ServiceMag gitanga inyigisho ku basomyi baco kikongera kikabahimiriza. Iryo himirizwa rikaba ryerekeye abafise ubuzi bakira abantu(amahinguriro, amashirahamwe y’ubudandaji ndetse n’ayandi y’ubundi bwoko).

Sandra Idossou, umukuru w'ikinyamakuru "The ServiceMag"

Sandra Idossou agira ati : « Mu Burundi nkahandi mu bindi bihugu, ugufata neza umukiriya ni ngombwa kw’ishirahamwe ryose rikeneye gutera imbere ». Ku bw’uwo mufasoni arongoye ico kinyamakuru gishasha, uko iyakirwa ry’abakiriya ryifashe mu Burundi, vyerekana ko hariho intambwe ikwiye gushikwako isumbirije iyihari ubu. Ni muri iyo ntumbero The ServiceMag kije gukorera mu Burundi, kugira cigishe congere gihimirize, amashirahamwe aheze arushirizeho kwakira abayitura neza.

Ifatwa neza ry’umukiriya (« Customer-care », mu rurimi rw’icongereza) rivurwa mu gihe uwituye ishirahamwe ka naka atunganirijwe neza, agahabwa ikibanza, igikorwa iryo shirahamwe rikamuha ico arironderera gihuye nivyo iryo shirahamwe ryiyemeje. Iyo akaba ariyo nsiguro itangwa na Sandra Idossou ari kw’isonga ryico kimenyeshamakuru.

Ikinyamakuru The ServiceMag, kuri uyu wa 25 Ntwarante 2014, kikaba kirumanije imyaka ine kibayeho mu gihugu c’Urwanda. Muri ico gihugu kibanyi n’Uburundi, ico kinyamakuru kikaba cakiriwe neza kandi kikaba kimaze kurangura ibitari bike. Imvo zuko gusahiriza mu bijanye n’iyakirwa ry’abakiriya rikaba ryashobotse kubera hari ugushaka kwa Reta y’Urwanda.

Muri iryo tanguzwa ryico kinyamakuru, abashitsi baraho, harwirimwo abarwizatunga barongoye amashirahamwe ndetse n’amabanki akorera mu Burundi, barashimye umuzo wico kinyamakuru. Mu bafashe amajambo baranegura uko umukiriya yakirwa mu Burundi muri kino gihe.

JPEG - 138.9 ko
Consolate Ndayishimiye, umurwizatunga

Consolate Ndayishimiye, umwe mu barwizatunga wo mu Burundi, agira ati : « Mu Burundi, iyakirwa neza ry’umukiriya riracagoyagoya bivuye ku mico y’ikirundi ». Umuhinga yigenga Libérat Ntunwenimana wewe ntarya umunwa, agira ati : « Ntakigenda mu kwakira abantu. Iyakirwa neza ry’umukiriya mu Burundi riracari kure nku kwezi ».

JPEG - 208.4 ko
Libérat Ntunwenimana, umuhinga yigenga

Ico kinyamakuru The ServiceMag kikaba kizosohoka rimwe mu mezi atatu. Inimero ya mbere, ihariwe Uburundi y’ico kinyamakuru ikaba izosohoka mu kwezi kwa Ruhenshi 2014. Ico kinyamakuru kikaba candikwa mu congereza, igifaransa, ikinyarwanda hamwe n’ikirundi kigiye kwiyongerako. Ico kinyamakuru kikaba kitazogurwa, kizotangwa ku buntu.

Muri ivyo birori vyo gutanguza icese The ServiceMag, haratunganijwe tombora kubari bitavye ivyo birori. Ubushimwe bwo gutembera mu Rwanda, icuma ca none bita tablette, hamwe n’itike y’indege Bujumbura-Johannesburg, akaba ari udushimwe twagabanye abagize amahirwa yo gutorwa.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • Mu Burundi igitangaje, benshi bakora ivyo batazi, bitagira amategeko, mu Bitaro ntakigenda umuntu araza akicara, uwundi yaza ashika arengana. Urashika mu bureau kanaka, nta na karibu, wewe urimenya, wicara, ugenda, uhagarara biba bikuraba, jewe sinibaza ko abahabwa akazi baba babwiwe ico bagiye gukora, customer care n’ikintu gikomeye cane, gusa n’uko aha iwacu ata competition zihari, aho bomenye ico arico umukiriya.

  • Nivyukuri birakenewe ko abarundi bahindura ingendo kukuntu bakira abaclient!!! " Rimwe umuntu yokwibaza ko batari mu rudandazwa""!! Urakoze Sandra bigishe!!

  • @INGABIRE Luc-Noël
    Iyi article ya Ingabire Luc-Noël, naho umeng’ataco ibaye, sinz’ico ije gufasha abarundi. Turets’ivyo vy’ubuzi, u Burundi ntawe bukumira canke bwirengagize. Abanyarwanda, abakongomani,"abasenegale", abazungu, abashinwa, abadimudimu etc... bose ni uruja n’uruza mu gihugu cacu. Kimwe nkeka kandi gishoboka, ni ukurabira hafi abo bantu bikika muri ayo mashirahamwe cank’ibinyamakuru. Ni kimwe na za nzoga Umukuru w’igihugu cacu, Nkurunziza Pierre, aherutse gutera ivyatsi. Turetse ko zoza imipfuko, ni ubumara kuko zirica kandi zigasasika. Abibaza ko ubumara buba mu mpfungurwa gusa, barihenda. Poison itangwa no mu kuramukanya canke kwereka uyundi ko ataco amaze canke azi. Abibaza ko abarundi turi ibihewa, baravovota peeeeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.