Accueil > Kwidagadura > Gospel > Théogène Uwiringiyimana ati: “Ndakunda cane Uburundi”
Théogène Uwiringiyimana ati: “Ndakunda cane Uburundi”
jeudi 26 Nyakanga 2013
Umuririmvyi Théogène Uwiringiyimana benshi bataziriye “Bosebabireba” wo mu gihugu c’Urwanda aramaze ikiringo c’iminsi itatu mu Burundi aho yaje mubikorwa bijanye n’umurimo w’Imana mbere no gukora zimwe mu ndirimbo mu mazu ahiynyanyura umuziki y’i Bujumbura.
- Théogène Uwiringiyimana benshi bataziriye Bosebabireba
Uyu muririmvyi yaganira n’ikinyamakuru IGIHE yavuzeko Uburundi buri mu hantu aza kenshi. Akrakunda no kwitaba ibiteramo vyo mu Burundi kandi akaba avugako ahafise abakunzi benshi b’indirimbo ziwe . niho rero Bosebabireba agira ati: “Ndakunda cane Uburundi” . Théogène akaba yari yaje gushigikira ishengero rya Better Side riri i Bujumbura. Akaba amaze iminsi ibiri mu biteramo.
Théogène yagize ati : “Mu Burundi dahafata nk’i wacu kuko hari naho nizana ata muntu ampamagaye mu vyo kuririmba. Ndahafise incuti nyinshi mbere n’abakunzi benshi ndetse no kuva ntangura kuririmbira i Burundi niho nagurishije ama CD menshi y’indirimbo zanje, ubu nkaba nariyemejeko igihe cose abarundi banyipfuje mu bikorane nzoja nitaba” .
- Théogène Uwiringiyimana benshi batazira Bosebabireba
Théogène yaboneyeho akaryo ko gusaba abakunzi biwe kutaja narwo kuvyo bamuvugako mu bimenyeshamakuru kuko vyinshi biba ari ukumucafuza gusa. Ati: “Imana niyo imenya ibikorwa vy’umuntu wese kandi ni nayo ica imanza zitari iza ngondagonde”.
Théogène Uwiringiyimana akaba yasubiye i Kigali uyu munsi. avuye mu Burundi akoze indirimbo zibiri mu buhinyanyuriro bwitwa Kigobe Gosper Studio hano i Bujumbura. Yaranasubiyemwo indirimbo yitwa “Warakoze” kuko atashima ingene yarihinyanyuwe.
SENGUREBE Joël
Messages
26 Nyakanga 2013, 13:16, par Israel
Ndashaka kumenya amakuru bamuvugaho nayahe
8 Munyonyo 2014, 20:57, par NSAVYIMANA Dieudonne75608095
gusaba ubugenzi n’umuhanzi teogene wi gwanda"
11 Rusama 2015, 21:30, par craude
ndamukund nanje teogen uwiringiyimana
3 Myandagaro 2015, 20:27, par olivier
kabisa natwe abarundi turamukunda rwose
14 Ruhuhuma 2016, 09:17, par NDAYISABA JAPHET
ESEMWAMENYERA TEWOGENNE UWIRINGIYIMANA AKUNDA UBURINDI GUSUMBYA URWANDA
27 Ruhuhuma 2016, 20:16, par EMMANUEL
NIKUKI MUTATUBARIRA IVYOBAMUVUGAKO?
2 Ntwarante 2016, 05:47, par NDAYIZEYE
IMAN’IMUHEZAGIRE
25 Ntwarante 2016, 08:37, par Pudentienne
No kugwa gatanu mutagatifu Imana imulinde imukomeze mu kwemera. Indilimbo zawe ziramfasha
12 Ruheshi 2016, 08:22, par Bigirimana Audace
Uravye Cd Zaw Zakera Nizubu Biratandukanye Cane Kera Abantu Watambisha Bambara Kand Batamba Nkaba Kristo Ariko Abubu Umengo Naba Sani Batamba Ivyiyisi Wobisigura Gut?
17 Kigarama 2016, 01:34, par NSHIMIRIMANA OLIVIER UWAMAHORO
Nanje ndipfuza cane kumenya ingabire ya theogene ahigez kukonanje nahimbarwa nubutumwa bwiwe atanga buciye mundrimbo zoguhimaz imana
3 Ruhuhuma 2017, 20:18, par Misago Ezechiel
Jeweniyumvirako Abavuganabi Teogene Bashakabomuvuganeza Kukonaho Bomuvuganabi Ntacobogerako Kukonumwanawimana Uwumuronderako inabi Ahubwoniwe Ayifise.Gewesengamurusengerorwafekabu Imanayongere Imigisha teo Yokuririmba Amen
5 Ntwarante 2017, 21:45, par Arnaud
Hteogen Ndamukunda Cane
28 Mukakaro 2017, 10:16, par Muhimu
thewo Numuririmbyi Dukunda Nacanecane Kundirimbo Ziwe Ziganjemwo Ibishikir abantu Mubuzima Zongera Zigarur abantu Kumana. Rero Nimba Ntasomye Nabi Sinabonye Muriyi Nkuru Igihe Yari Muburundi Nigihe Yatahiye Rero Imana Imujimbere Mubuhanzi Bwiwe Murakoze.
23 Ruhuhuma 2018, 10:50, par Manirabarusha jackson
Theo namahoro ndashima kundirimbo zawe kuko zihumuriza beshi abakuvuga nabi ivyobatazi bame baziko umuntu amenywa nimana uwiteka abashe kuguha inkomezi mumirimo yawe ndanasavye imana ikuzigame muribibihe uri mubih bitoroshe ahurwariye mugihugu cubugande natw tuzokomeza kugusengera uzokira
19 Mukakaro 2018, 21:06, par Amza Vena Bizimana
ndagomba kubza mbeteogene yarafuy?cnke arakomey?