Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Thérence Sinunguruza agiye kwitura urwego rujejwe gutatura amatati mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Thérence Sinunguruza agiye kwitura urwego rujejwe gutatura amatati mu (...)

Thérence Sinunguruza agiye kwitura urwego rujejwe gutatura amatati mu mugambwe UPRONA

mercredi 9 Gitugutu 2013

Icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA mu ntara ya Bujumbura Mairie Francis Ngaruko aranegura ingingo yafatiwe icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Thérence Sinunguruza yo kumukurako icizere, bagasaba umukuru w’igihugu kumusubiriza. Kubwiwe, iyo ngingo ntiyubahirije amategeko kuko urwego nyobozi rwose rw’umugambwe UPRONA rutagishijwe inama.

Ku genekerezo rya 5 Gitugutu 2013, mu rwandiko rwasotse ruteweko umukono n’umukuru w’umugambwe UPRONA, icegera ciwe Felix Mboneko n’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe Gaston Sindimwo, basavye umukuru w’igihugu gusubiriza Thérence Sinunguruza, icegera c’umukuru w’igihugu kuko bamwagiriza kutaba ariko araserukira umugambwe, kandi ko yoba ashira imbere inyungu ziwe. Bukeye rimwe gusa, ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vyaciye navyo bisohora urwandiko bimenyesha ko abateye umukono kuri urwo rwandiko bafise izindi mvo zitaramenyekana.

Francis Ngaruko, icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA mu ntara ya Bujumbura Mairie yamenyesheje ko iyo ngingo y’ubuyobozi bw’umugambwe UPRONA itisunze amategeko, kandi ko urwego nshingwabikorwa rw’umugambwe rutagishijwe inama rwose, co kimwe n’urwego rujejwe gutatura amatati. Kubwa Francis Ngaruko, n’aho ivyo Thérence Sinunguruza yagirizwa vyoba arivyo, yai guhabwa umwanya w’ukwisigura imbere y’inzego z’umugambwe zibifitiye uburenganzira, imbere y’uko afatirwa ingingo.

JPEG - 29.3 ko
Catherine Mabobori, umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

N’aho atashize ahabona imvo bavuga ko ziri inyuma y’ivyagirizwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Catherine Mabobori, umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu yamenyesheje ko Thérence Sinunguruza agiye kwitura urwego rw’umugambwe rujejwe gutatura amatati.

Ku ruhande rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu bamenyesha ko hataragera ko bagira ico babivuzeko. Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, ahamagawe na bagenzi bacu bo ku nsamirizi Isanganiro yamenyesheje ko umukuru w’igihugu ativanga mw’itunganwa ry’imigambwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.