IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo : Uwurongoye ishirahamwe Apecoev Safavo arabangamiwe n’abamutera (...)

Kirundo : Uwurongoye ishirahamwe Apecoev Safavo arabangamiwe n’abamutera ubwoba

lundi 19 Nzero 2015

Therence Nzohabonayo arongoye ishirahamwe Apecoev Safavo mu ntara ya Kirundo amenyesha ko umutekano wiwe wifashe nabi, kuva aho atanguriye urugamba rwo gushengeza abashurashuza abana biga mu mashure mato n’ayisumbuye.

Uwo asanzwe ari muri iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ku musi wa mbere w’indwi iheze, kuri parake ya Kirundo, aho yari yayituye kugire atunge agatoke ubukozi bw’ibibi bukorererwa abana b’ibigeme bari mu mashure bukorwa n’imirwi itandukanye igizwe ahanini n’abatwara amapikipiki, abamwa imishatsi canke bagasokoza imishatsi, abakora mu mazu y’ubunywero hamwe n’abadereva, aho abo bari kumwe muri iryo shirahamwe bari bafise na bimwe mu vyemeza nk’amajwi, iterefone hamwe n’amaketi yandikwa, umushikirizamanza mukuru w’intara ya Kirundo, ubwiwe bagiye bagana, aho kubumviriza akaba yashotse abatera ubwoba, ndetse abaka n’igikoresho cabo bakoresha mu kazi.

Abo bari muri iryo shirahamwe bakagirizwa n’umushikirizamanza ko batangaza amabi akorerwa muri iyo ntara, agirako mbere abagiriza ko bamutuka, ariko araheza arabarekura, barataha n’igikoresho cabo arakibaha. Therence Nzohabonayo akavuga ko bariko baragirwako iterabwoba, bahamagarwa n’inomero batazi, mbere muri kano gatondo ko kuri uyu wa mbere, Therence Nzohabonayo akaba yahawe umutahe igihe c’isaha 11 z’ubuca, aho aza kwitaba mu biro inomero zibiri, uwo mutahe kandi ukaba wasohowe ku wa 15 Nzero.

Uwo munyagihugu akavuga ko bimwe muvyo ariko arazira, ari ingendo ahora agira mu mabohero atandukanye araba ibihe abariyo bamaze, hamwe n’ukuvuga bamwe mu bahohoterwa bazira ivyiyumviro vyabo vya poritike. Uwo munyagihugu ariko akavuga ko arindiriye kugira arabe ihamagarwa ryiwe, ko atayindi ntumbero yoba iryinyegeje inyuma. Tukaba turiko turagerageza kurondera umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Kirundo, ariko ntituramuronka.


Aristide Nizigire

Messages

  • JEWE NUMVA KUMUTERA UBWOBA ATACO BIMAZE NABWIRE IMVUKIRA NKA HON mMINANI WOMURI NYAKURI NDAZI KO ARI UMURWANYI YANKA ABABUZA ABANA KWIGA KUKO ARAZI KO IWABO BATARIKO BARATERA IMBERE KUBERA KUDASOMA...REKA TWESE ABAGENZI BA KIRUNDO TWOFASHA..

  • JEWE NUMVA KUMUTERA UBWOBA ATACO BIMAZE NABWIRE IMVUKIRA NKA HON mMINANI WOMURI PRODEBU NYAKURI NDAZI KO ARI UMURWANYI YANKA ABABUZA ABANA KWIGA KUKO ARAZI KO IWABO BATARIKO BARATERA IMBERE KUBERA KUDASOMA...REKA TWESE ABAGENZI BA KIRUNDO TWOFASHA..

  • None uwo therence nyene ko mbona nawe yikundira abakecuru kandi yubatse, kurenga ibigo vyo ntibihanwa?

  • Harya Asanzwe Arenga Ibigo

  • UWO MUGABO NIYABA ATARI UKUBESHA NGO ARONDERE UMUKATE ARABWIRA BA hON MINANI,NA BANDI BA DAMES BAKORA NKA CARITAS BAFISE N IKIGO GIFASHA ABAHOHOTEWE..HARI N UMUDAMU AVUKA MU BUGABIRA YITWA MUKANDANGA ..NUKURI ABO BOSE BOFASHA NIMBA HARI UBUTEGETSI BUKUREMEREYE ..JEWE SI NDI HAFI MUGABO ABO BOSE NZOBABWIRA ..DUKURIRE MWO GUSA UBUBESHI ...

  • Twebwe ntituvuga ibisunitswe n’impemu, tuvuga ivyo twatohoje kandi dufitiye ivyemezo. Umikate ntuva mu bubeshi umukate uzanwa n’ibikorwa. Ari abafise ibigo, ari abatabifise, ishirahamwe ryose rifise ihangiro n’ikibanza rikoreramwo. Ico tuzi n’uko atawukumira guhuza ibikorwa kandi tuzi ko ivyigwa bijanye n’amabi akorwa n’iyo mirwi twavuze twabikoreye hamwe mu ruganda rwamaze imisi ibiri, icari gikenewe n’uko haboneka cas nk’izo dufise kandi dufitiye ivyemezo. Kuri co twiyemeje kugikorerako kugeza aho abo bagira ico batinya. Gukunda abakenyezi kandi ntibisigura kurenga ibigo. Imvukira nibaza ko zitorindira ko tuzibwira ibiriko biraba iwabo!

  • Mwamukoze aho arwaye none ariko arirwanira, yamara asimba avunika.

  • NTIVYUMVIKANA ATACEMEZO. MUGABOTURUMVA IVYIWACU ARIHATARI?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.