Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Thierry Henry, umukinyi w’amareresi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Thierry Henry, umukinyi w’amareresi

Thierry Henry, umukinyi w’amareresi

vendredi 26 Kigarama 2014

Uwahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru Thierry Henry yatanguye uwundi mwuga wo gukina amareresi. Thierry Henry akaba yitezwe gukina mw’ireresi yitwa "Entourage".

Haraheze imisi, Thierry Henry avuze abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook ko ahagaritse urukino rw’umupira w’amaguru. Thierry Henry akaba yari amaze imyaka 20 irenga akina umupira w’amaguru mbere akaba yaratsinze yarafashije imirwi yagiye arakinira gushika ku ntsinzi yaba mu mahiganwa asanzwe hamwe no mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose. Thierry Henry yamenyesheje ko anezerejwe n’ukubona agiye gutangura akandi kazi i Londres, aho azoba ari umuhinga w’ivy’inkino ku mboneshakure "Sky Sports" yo mu Bwongereza. Abantu bakaba babifashe nk’ibisanzwe kubera kenshi bamenyereye kubona ko iyo umukinyi w’umupira w’amaguru ahagaritse umupira kenshi aca akora akazi k’ubumenyereza canke akaguma mu gisata co kwinonora imitsi.

Thierry Henry akaba yatangaje abantu benshi mu gihe yavuga ko agiye gukora no mu kindi gisata co gukina amareresi, akaba yabivuze abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook. Tubibutse ko uwo mukinyi yigeze kubonekaakinana n’umukinyi w’amareresi azwi cane yitwa Jamel Debbouze, ubu naho Thierry Henry akaba yiteguriye gukina ireresi yitwa "Entourage". Abantu benshi, cane cane abakunzi b’umukinyi Thierry Henry bakaba biteze n’igishika iyo reresi. Iyo reresi izosohoka igenekerezo rya 5 Rusama 2015.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.