Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tirikiya: Amamisire ya mbere yahashitse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Tirikiya: Amamisire ya mbere yahashitse

Tirikiya: Amamisire ya mbere yahashitse

mardi 22 Nzero 2013

Amamisire ya mbere ya OTAN yashitse mu gihugu ca Tirikiya avuye mu gihugu c’u Budagi mu ntumbero yo gucungera imbibe z’igihugu ca Tirikiya ku bitero bishobora kugirwa na Siriya.

Ayo mamisire azojanwa mu karere kari m’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Tirikiya ku birometero vyabababa ijana uvuye k’urubibe ico gihugu gihana na Sriya.Igihugu c’u Buholande,u Budagi hamwe na Leta zunze ubumwe za Amerika bakaba bazorungika kimwe kimwe amamisire abiri.Ubwato butwaye amamisire avuye muri Holande butegekanywa gupakururwa kuri uno wa kabiri. Ayo mamisire vyari vyategekanijwe kuba yatanguye gukora mu kwezi kwa mbere guheze.

JPEG - 174.8 ko

Abasirikare b’abanyamerika bari kumwe n’abo mu gihugu ca Holande n’u Budagi bakaba bazoja mu gihugu ca Tirikiya gukoresha ayo mamisire arwanya ayandi aba arungitswe n’umwansi.Abanyagihugu bo muri Tirikiya bakaba bagize imyiyerekano biyamiriza ayo mamisire aho bamenyesheje ko badakeneye Leta zunze ubumwe za Amerika n’ibirwanisho vyayo mu gihugu cabo.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.