Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tunisia: Impari hagati ya Reta nabo batavuga rumwe
Tunisia: Impari hagati ya Reta nabo batavuga rumwe
jeudi 7 Ruhuhuma 2013
Umushikiranganji wa mbere wa Tunisia Hamadi Jebali, yari yatanze icifuzo co gushinga Reta nshasha igizwe n’abahinga, inyuma y’iyicwa ry’umukuru umwe mu batavuga rumwe na Reta.
Umuvugizi w’umugambwe Ennahda, yamenyesheje ko umushikiranganji wa mbere, atigeze agisha inama abandi mu mugambwe ko agiye gusesa Reta ihasanzwe.
Abarongoye amashirahamwe y’abakozi bamenyesha ko hazoba imyiyerekano mu gihugu cose ku munsi wa gatanu, izohurirana n’ishingurwa rya Shakri Belaid.
Imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta yaciye yaduka inyuma y’urupfu rwa Shokri Belaid ku murwa mukuru Tunis kuwa gatatu igenekerezo rya 6 Ruhuhuma.
Uyu mugabo yari azwi ko atarya umunwa mu kunegura umugambwe uri ku butegetsi Ennahda.
Mugisha Van Naris