Accueil > Amakuru > Mu makungu > Tunisie : Abantu umunani biciwe ku ngoro y’amakoraniro y’inama (...)
Tunisie : Abantu umunani biciwe ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka
mercredi 18 Ntwarante 2015, par
Imboneshakure y’igihugu ca Tunisie yatangaje ko hari abavurwa ko boba bakomeretse, mu gihe ikindi kigo cigenga kijejwe kumenyeshamakuru kivuga ko abantu barashe amasasu bari batatu.
Ico kigo kijejwe kumenyeshamakuru kivuga kandi ko barashe mu nama nshingamateka kuri uwu wa gatatu. Umwe mu bategetsi ba Reta, amaze kumenyesha ko ingenzi zagera kuri munani zishwe abandi bagafatwa mpiri, ku kigo c’iratiro ry’imico n’ivya kera ca Bardo, hafi y’inama nshingamateka.
Igihe rero iryo bara ryagwa, ingenzi zirenga ijana akaba ari zo zari ziri muri iyo nyubakwa ariko zikaba zashoboye gukingirwa ziravanwa muri ico kibanza. Muri abo bari bafashwe nk’imbohe hakaba harimwo abafaransa atari bake.
Floxella Karire