Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tunisie: Ishingurwa rya Chokri Belaid - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tunisie: Ishingurwa rya Chokri Belaid

Tunisie: Ishingurwa rya Chokri Belaid

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Abanyetuniziya ibihumbi n’ibihumbi bitavye ishingurwa ry’umukuru w’abatavuga rumwe na Reta, Chokry Belaid yagandaguwe.

Isinzi ry’abantu ku murwa mukuru, Tunis, baririmba ivyivugo vyiyamiriza Reta itwawe n’abagendera ku vyiyumviro vya Islam, igihe isandugu irimwo umuhisi yajanwa kw’itongo ry’abapfuye, ipfutswe n’ibendera ry’igihugu.

Abasirikare n’abapolisi bakumira akaguma bashizwe hirya no hino mu gihugu, nyuma y’itana mu mitwe ry’ejo kuwa Kane.

JPEG - 35.1 ko

Mu muji wa Gafsa uri mu bumanuko, igipolisi carashe ivyuka bikoroza amasozi mu gushwiragiza abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza Reta, bariko baratera amabuye ibiro bikuru vy’igipolisi muri uwo muji.

Ubuzi bwinshi bw’abikorera utwabo n’abakorera Reta bwugaye, mugihe amashirahamwe y’abakozi yahamagaje ihagarikwa ry’akazi rusangi.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.