Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tuniziya : Abantu 12 bacunga umutekano w’umukuru w’igihugu baguye mu (...)
Tuniziya : Abantu 12 bacunga umutekano w’umukuru w’igihugu baguye mu gitero
mercredi 25 Munyonyo 2015, par
Abantu 12 bari mu bacungera umutekano w’umukuru w’igihugu ca Tunizia basize ubuzima mu gitero cakozwe ku muduga barimwo, mu gisagara ca Tunis. Ico gihugu cafashe ingingo zidasanzwe.
Ingingo y’ibihe bidasanzwe yafashwe inyuma y’igitero cakozwe mu gisagara ca Tunis, ku modoka (Bus) yarimwo abantu bacunga umutekano w’umukuru w’ico gihugu, cumi na babiri baca baritaba Imana, abandi cumi na batandatu barakomereka, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, igihe imodoka barimwo yaterwa igisasu.
N’aho atawuriyemerera ko ariwe yakoze ico gitero, bivugwa ko coba cakozwe n’abo mu murwi witwaza ivyiyumviro vya islamu.
Abo bagirizwa nibo bakekwa ko bari inyuma y’ibitero vyinshi vyabaye mu ntango z’uwu mwaka w’2015, mu bisagara vya Tunis na Sousse, abantu benshi barahasiga ubuzima, harimwo n’abanyamahanga.
IGIHE
Messages
25 Munyonyo 2015, 13:02, par kinyogoto
pole sana tunis Mungu atatu futa machozi
25 Munyonyo 2015, 18:25, par Ernest ruyigi
Arik abantu baragowe nibareke ayomaraso IMANA izoyabishuz.
26 Munyonyo 2015, 20:12, par NZAMBIMANA CHARLES
NONE ABO BAGIZE IGITERO KWIYO MODOKA HAMWE BOFATWA BOBO NTIBOCA BICWA KUGIRA BUMVE KO KWICA BIBABAZA
26 Munyonyo 2015, 21:01, par Burundi
Yemwe nk’ivyo iyo biba mu Burundi,amatangazo aba ari urutavanako na ibinyamakuru mpuzamakungu vyaca biheba ayandi makuru,ariko ko bibaye ahandi ni agacerere.Birigwa babesha ngo ikirimba ca President catewe atacabaye harakantu...