Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Tupac Shakur yoba yaragarutse kw’isi?
Tupac Shakur yoba yaragarutse kw’isi?
vendredi 7 Ntwarante 2014
Igihe hariko haba urukino r’umupira w’amaboko basketball rwahuza imirwi ya Boston celtics na Golden State Warriors hoba harabonetse umuntu abaraho bose babonye asa cane n’umuririmvyi wo mu mudiho wa rap Tupac Shakur .
- uwo yambaye agatambara mu mutwe ni we bise Tupac Shakur
Umuntu asa cane na Tupac Shakur yarabonetse mu rukino rw’umupira w’amaboko Basketball rwahuje imirwi ya Boston Celtics n’umurwi wa Golden State Warriors. Igihe bamubona hariko havuzwa ururirimbo rwiwe rwakunzwe cane rwitwa California love. Nk’uwitwa Ande Iguodala yariko ararorera urwo rukino yanditseko yiboneye amaso mu yandi Tupac Shakur. Ivyo vyatumye aba n’abandi bibaza ukuntu uwo muririmvyi w’umudiho wa Rap yoba yaragarutse kw’isi.
- Isanamu y’ukuri ya Tupac Shakur
Mukurangiza tubibutseko muririmvyi Tupac Amaru Shakur yapfuye afise imyaka 25 arashwe mu gisagara ca Las vegas kiri mu ntara ya Nevada, hari kw’igenekerezo rya 3 Nyakanga 1996. Yapfuye amaze kugurisha inkwirikirane z’indirimbo zirenga imiriyoni 75 (75 millions d’Albums).
Abatari baherutse kwumva indirimbo za Tupac Shakur, umviriza aha munsi ururirimbo "California Love"
Cherif Nkeshimana
Messages
7 Ntwarante 2014, 14:16, par Tubirabe
Batohoze neza ngira n,umuzimu wiwe canke nuwobasa.Ntibagerageje kumubaza uwariwe bumve kwari Tupac vyukuri.
8 Ntwarante 2014, 22:39, par EDDY
VYOSHOBOKA NONE KO TWUMVA KO ATA NUMWE YABONYE IMVA YIWE
9 Ntwarante 2014, 23:18, par Huston
Vyoshika kuko vyama vyabaye abantu bakazuka