Accueil > Kwidagadura > ’’Turakundana ariko namubeshe ko ndi isugi’’
’’Turakundana ariko namubeshe ko ndi isugi’’
dimanche 16 Kigarama 2012
Umukobwa yabeshe umuhungu bakundana ko akiri isugi kandi afise uwundi mugabo akuze bama baryamana kuko amuha ivyo akeneye vyose. Mu myuma, yarabuze ingene abwira uwo bakundana ingene ubusugi bwagiye kuko yari yaranse ko baryamana.
Mfise imyaka 22 nkaba mfise umutama dukundana (Sugar daddy) ampa ikintu cose nkeneye, amafaranga, impuzu,amavuta amota neza,ikirori, gusohoka, n’ibindi vyinshi eka ntanakimwe ndamuburana nukuri.
Ariko naho biri uko mfise n’uwundi mwana akiri mutoya nkunda cane nihebeye afise imyaka 20, tumaze imyaka igera kuri 2 dukundana urukundo rukomeye.
Uwo musore dukundana yama ansaba ko turyamana ariko nkavyanka nkamubwira ko nkiri isugi nkabona biramubabaje ariko akihangana. Sugar daddy wanje wewe tumaze kuryamana incuro zigeze 5.
Ubu none uwo musore akiri muto dukundana ninamwemerera umunsi umwe ko turyamana, akabona ko ntakiri isugi nzomubwira ko vyagenze gute? Ko mu muryango iwacu ata nce tumera? Ko ubwoko bwacu ata nce buvukana? Ko nakinye nkiri muto nkanyonga ikinga hanyuma ubusugi bugahera? Cenke.
Impanuro noha bagenzi banye canke umuntu wese w’umukobwa azosoma iyi nkuru ntagakore ivyo nakoze.
Eric Arinabo
Messages
7 Gitugutu 2015, 09:53, par ninjimbere olivier
urakoz kuduhanura murakoze
7 Gitugutu 2015, 09:54, par ninjimbere olivier
urakoz kuduhanura murakoze
7 Gitugutu 2015, 09:56, par ninjimbere olivier
urakoz kuduhanura murakoze
14 Ruhuhuma 2016, 15:11, par Ndihokubwayo joseph
Ukwiye kumubwiza ukuri niyaba aruwawe azogutahura
14 Ruhuhuma 2016, 15:13, par Ndihokubwayo joseph
Ukwiye kumubwiza ukuri niyaba aruwawe azogutahura
18 Gitugutu 2016, 21:44, par NIYONKURU GERARD IBURUNDI MUKAYANZA MUKABUYE SHIKANKONI
ARARABA UWO MUSORE NTAMUTE MUKAGA.KUKO UYO MUKOBWA NTAKIRI UMUKOBWA UWOMUSORE YOBA YIHUGANIY.ARIKO ABAKOBWA NABAHEMU NONE NTIYOREKA,UYOMUSORE AKIGIRA AHANDI,AKAREKA KUMUTESHA UMUTWE?
31 Gitugutu 2016, 21:49, par J,marie
Bakwiye Kuza barareka kubesha guko nicaha
31 Gitugutu 2016, 21:51, par J,marie
Bakwiye Kuza barareka kubesha guko nicaha